Nufashe impumyi kwiga ivyerekeye Yehova
1. Yezu yagaragarije gute impuhwe impumyi?
1 Hari hasigaye imisi mikeyi ngo Yezu apfe. Igihe yariko arava i Yeriko, hari abasezi babiri b’impumyi basemereye bamubwira bati: “Mukama, tugirire imbabazi!” Naho Yezu yari arajwe ishinga n’ivyari bigiye kumushikira, yarahagaze, arabahamagara, maze arabakiza. (Mat. 20:29-34) Twokwigana gute ukwo kuntu Yezu yagiriye impuhwe izo mpumyi?
2. Twoshobora gute kubwira inkuru nziza umuntu w’impumyi duhuriye ahandi hantu atari imuhira?
2 Numufashe: Uhuye n’umuntu w’impumyi, kumbure muhuriye ahandi hantu atari imuhira, niwidondore maze umubaze ko womufasha. Kubera ko hari abantu bakunda gukoresha impumyi ku bw’inyungu zabo, uwo muntu w’impumyi arashobora kubanza kukwikeka. Ariko abonye ko umugaragarije igishika kandi ko umwitwararitse ata buryarya vyoshobora gutuma amakenga yari afise ahera. Nugume wibuka ko abantu badahuma ku rugero rumwe, rero ivyo bizogufasha kumenya ivyo akeneye ko umufashamwo. Umaze kugira ivyo umufashije, woshobora kumubwira ko uri mu gikorwa co kwigisha Bibiliya. Numusabe ko womusomera icanditswe, nka Zaburi 146:8 canke Yesaya 35:5, 6. Niba ashobora gusoma inyuguti z’impumyi, numubaze ko yoshima kuronka igisohokayandikiro co mu nyuguti z’impumyi comufasha kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Woshobora kandi kumufasha kuronka amayagwa yo kwumviriza aboneka kuri jw.org. Niba orodinateri yiwe ifise porogarama isoma n’ijwi igisomwa umuntu aba ayishizemwo, yoshobora gushima ko umuha na birya biganiro vyo kuri jw.org bishobora gucapurwa hamwe n’ibisohokayandikiro bishobora kuvomwa mu mero ya RTF.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Igihe uriko urafasha umuntu w’impumyi . . .”
3. Tworondera gute impumyi mu cibare cacu?
3 Nurondere impumyi: Ni gake tubona abantu b’impumyi mu busuku bw’inzu ku nzu kubera ko benshi muri bo badakunda kuyaga n’abantu batazi baza muhira iwabo. Ku bw’ivyo, ‘kurondera’ mwene abo bantu kugira tubabwire inkuru nziza bisaba akigoro gakomeye. (Mat. 10:11) Hoba hari umuntu w’impumyi mwigana canke mukorana? Niwibwirize umuganirize. Niba mu cibare canyu hariho ishure ry’impumyi, nusabe ko wobaha ibisohokayandikiro vyo mu nyuguti z’impumyi vyo gushira mu bubiko bw’ibitabu bw’iryo shure. Woba uzi umuntu afise incuti y’impumyi? Mu cibare canyu hoba hariyo amashirahamwe afasha impumyi canke ikigo kibamwo impumyi? Nusigurire uwo muntu, abakora kw’iyakiriro muri ayo mashirahamwe, canke umuyobozi w’ico kigo ko Ivyabona vya Yehova bakunda cane gufasha impumyi, uce ubabaza niba wobazanira igisohokayandikiro co mu nyuguti z’impumyi canke amayagwa yo kwumviriza. Nubereke umuhango Bibiliya itanga w’uko Imana vuba igiye gukuraho ubutakigaruka ubuhumyi. Hari aho woshima kandi kubereka ividewo iboneka kuri jw.org ivuga ngo “Sans elle, je serais perdu,” ino ikaba yerekana ibijanye n’umugabo w’impumyi yungukiye ku kuronka Bibiliya yanditse mu nyuguti z’impumyi. Ubabwiye igitumye uza ng’aho vyoshobora gutuma bakwemerera kuvugana n’abo bantu b’impumyi.
4. Inkuru ya Janet itwigisha iki?
4 Hari mushiki wacu umwe w’impumyi yitwa Janet yagendeye ikigo kibamwo abantu b’impumyi. Yaratanguye kuyagisha umukenyezi umwe w’impumyi akiri muto. Janet yamubwiye ati: “Yezu yarakijije impumyi kugira yerekane ivyo azokorera abantu bose batabona.” Bararimburiye hamwe Ivyahishuwe 21:3, 4, maze Janet aramusigurira ingene uwo muhango uzorangurwa n’Ubwami bw’Imana. Uwo mugore yaranumye gatoyi maze aca avuga ati: “Sinari bwumve amajambo nk’ayo ndayabwiwe n’impumyi. Abantu benshi batari impumyi bavuga ko abantu baba impumyi kubera ikintu baba barakoze canke icakozwe na basekuru.” Biciye kuri internet, Janet yararungikiye uwo mugore aho yofyonda ngo aje ahari igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, kandi ubu bariga Bibiliya kabiri mu ndwi.
5. Naho tudashobora guhumura impumyi nk’uko Yezu yabigize, tugaragaje ko tuzitwararika bizovamwo ivyiza ibihe?
5 Ego ni ko, ntidushobora guhumura impumyi nk’uko Yezu yabigize, ariko turashobora guhumura abo bose imana y’iki gihe yahumye imizirikanyi, aho hakaba harimwo impumyi nya mpumyi, kugira ngo batahure ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. (2 Kor. 4:4) Yezu yahumuye ba bagabo babiri bari hafi ya Yeriko kubera ko ‘bamuteye ikigongwe.’ (Mat. 20:34) Tugaragaje ko twitwararika impumyi nk’ukwo kwa Yezu, turashobora guterwa agateka ko gufasha bamwe muri zo kwiga ivyerekeye Yehova, we azokuraho ubuhumyi ubutakigaruka.