Nube umuntu azi kuganira!
1 Kugira ngo dushitse igikorwa twashinzwe co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, dutegerezwa kuganira n’abandi. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Mbere n’abagenzi birashobora kubabera urugamba kuganira. Ni igiki gishobora kudufasha kubwira inkuru nziza abo tutazi?
2 Nutume umuntu atakuzi agufata nk’umugenzi: Gerageza kwishira mu kibanza c’abo uganiriza mu busuku. Mw’isi ya none, birumvikana ko bamwebamwe boshobora kugirira amakenga abo batazi, canke mbere bakanabatinya. Ivyo birashobora gutuma bigora ko muganira. Ushobora gute gutuma abo muganira bareka kugira ubwoba? Ubwa mbere, tutaravuga n’ijambo na rimwe turashobora kugira ico tuvuze biciye ku kuntu twitunganije rupfasoni. Inyambaro yacu itunganije neza n’inyifato nziza biratuma abantu basubiza umutima mu nda.—1 Tim. 2:9, 10.
3 Ikindi gituma kuganira n’abandi vyoroha, ni ukuba umuntu atekanye kandi afise igishika. Ivyo biratuma n’abandi bumva batekanye kandi bakumviriza. Kugira tubishobore, kwitegura neza birakenewe. Igihe tuzi neza ivyo tuza kuvuga, akenshi usanga tutagira ubwoba. Iyo dutekanye, biratuma abandi bumviriza ubutumwa dushikiriza. Umukenyezi umwe yagendewe n’Icabona yavuze ati: “Ukuntu yamwenyura vyaranyeretse ko yagenzwa n’amahoro. Vyarankwegereye.” Ivyo vyaratumye uwo mukenyezi yumviriza inkuru nziza.
4 Kamere zikwegera: Turakeneye kwitwararika abandi bivuye ku mutima. (Flp. 2:4) Uburyo bumwe bwo kubigira, ni mu kutihariza ijambo. Nakare, kuganira birimwo kwumviriza. Igihe dusavye abatwumviriza ngo baserure iryo bagona, maze tukabumviriza twitonze, barabona ko tubitwararitse. Rero, igihe abakwumviriza bariko baravuga, ntubaciremwo urondera gusa gushikiriza ivyo wateguye. Nubakeze nimba ushobora kubigira bivuye ku mutima, maze ugerageze kwubakira ku vyo bavuze. Mu gihe ivyo bavuze biseruye ikintu coba kibaraje ishinga, nuhindure ivyo wariko urabayagira wibande ku bibaraje ishinga.
5 Ukwifata ruto n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi biratuma ikiyago kigenda neza. (Imig. 11:2; Ivyak. 20:19) Abantu bakwegerwa kuri Yezu kubera yuko ‘yitonda kandi yiyorosha mu mutima.’ (Mat. 11:29) Ku rundi ruhande, kwishira hejuru bituma abandi baduhunga. Ku bw’ivyo, naho twemera tudakeka yuko dufise ukuri, tubigiranye ubukerebutsi turirinda kuvuga ibintu mu buryo bwerekana ko tudakurwa kw’ijambo.
6 Twokora iki mu gihe umuntu avuze ibintu bidahuye n’ivyo Bibiliya yigisha? Twoba dukwiye kumukosora? Egome, twomukosora mu gihe ciza, mugabo ntitwoca tumukosora mu gihe tumugendeye ari bwo bwa mbere. Kenshi biraba ngirakamaro twubakiye ku vyiyumviro duhurizako imbere y’uko tumushikiriza inyigisho zo muri Bibiliya zohava zimugora kwemera. Ivyo bisaba ukwihangana n’ubugenge. Paulo yaratanze akarorero keza muri ivyo igihe yamamaza ku bacamanza bo muri Areyopago.—Ivyak. 17:18, 22-31.
7 Ikiruta vyose, urukundo ruzira ubwikunzi ruzodufasha guhuza n’abo tuyaga. Nka kurya kwa Yezu, dutegerezwa kwumvira ikigongwe abantu “[batabaguwe], basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Ivyo biratuma tubabwira inkuru nziza tukongera tukabafasha guca mu nzira ijana ku buzima. Ubutumwa dushikiriza ni ubw’urukundo, ku bw’ivyo nimuze tugume tubushikiriza mu buryo buranga urukundo. Nitwabigira gutyo, tuzoba turiko turigana Yehova Imana na Yezu Kirisitu, bo bazi kuyaga neza kurusha abandi bose.