Ni kubera iki twogirira “umwete ibikorwa vyiza”?
Woba ufitiye umwete ibikorwa vyiza? Twebwe abamamaji b’Ubwami, turafise imvo zumvikana zotuma tugira uwo mwete. Uti kubera iki? Raba ivyo dusoma muri Tito 2:11-14:
Umurongo wa 11: “Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana” ni iki, kandi umwumwe wese yabwungukiyeko gute?—Rom. 3:23, 24.
Umurongo wa 12: Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwatwigishije iki?
Umurongo wa 13 n’uwa 14: Ubu ko twahumanuwe, ni icizigiro ikihe dufise? Kandi ni imvo nyamukuru iyihe yatumye duhumanurwa tugakurwa mw’isi itibanga Imana?
Ni gute iyo mirongo itumye wumva urushirije kugirira umwete ibikorwa vyiza?