Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 19 RUSAMA
Ururirimbo rwa 131 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 7 ing. 9-17 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 30-33 (Imin. 10)
No. 1: Kuvayo 32:1-14 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Yezu yarigishije abayoboke biwe kwicisha bugufi—cf rup. 31-32 ing. 15-19 (Imin. 5)
No. 3: Ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya yerekeye ivy’ugukorora inda?—lv rup. 80 ing. 16 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Igituma turi abasuku b’inkuru nziza. Insiguro irimwo igishika ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 77 gushika ku rupapuro rwa 78, ingingo ya 2. Nusabe abumviriza bavuge igituma bakunda ubusuku.
Imin. 10: Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu buruhuko? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze muri make ibiri mu gitabu Twagizwe ishirahamwe ku rupapuro rwa 113 ingingo ya 1, vyerekana ibisabwa kugira ngo umuntu akore ubutsimvyi bwo gufasha. Nusabe abakozi canke abanyeshure bakoze ubutsimvyi bwo gufasha igihe bari mw’ikonje canke mu buruhuko bigane imihezagiro bironkeye. Nuremeshe bose kurimbura ivyo gukora ubutsimvyi bwo gufasha igihe bazoba bari mw’ikonje canke mu buruhuko.
Imin. 10: “Nutsimbataze akamenyero ko kudacerwa.” Ibibazo n’inyishu. Igihe murimbura ingingo ya 4, nusabe abumviriza bavuge ikibafasha kudacerwa.
Ururirimbo rwa 44 n’isengesho