Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutegura amajambo yo gutanguza ikiyago
Igituma bihambaye: Igihe amajambo dukoresha mu gutanguza ikiyago atavyura ugushimishwa, umunyamuhana yoshobora guhagarika ikiyago imbere y’uko tumubwira inkuru nziza. Ku bw’ivyo, abamamaji benshi amajambo bakoresha mu gutanguza ikiyago bayabona ko ahambaye cane. Naho mu Gikorwa dukorera Ubwami hatangwa uburyo bwo gutanguza ibiyago, ubwo buryo ntibwama burimwo amajambo yose akenewe mu gutanguza ikiyago, ivyo bigatuma umuntu ashobora kuyahindura bivanye n’uko ibintu vyifashe. Naho uburyo bwo gutanguza ikiyago bwoba bukwiye, abamamaji boshobora guhitamwo kugira ico babuhinduyemwo canke bakitegurira ubundi bw’iwabo. Ku bw’ivyo, tuzoba kirumara nitwategura twitonze amajambo dukoresha mu gutanguza ikiyago aho gupfa kubwira umunyamuhana amajambo atujemwo.—Imig. 15:28.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nimufate umwanya mu gusenga kwo mu muryango mutegure amajambo yo gutanguza ikiyago mwongere muyimenyereze.
Igihe muri mu busuku, nimubwire abandi bamamaji ivyo mwategekanije kuvuga. (Imig. 27:17) Nimuhindure amajambo mukoresha mu gutanguza ikiyago igihe mubonye ko atari kirumara.