Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 12 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 12 RUSAMA
Ururirimbo rwa 49 n’isengesho
Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 7 ing. 1-8 (Imin. 30)
Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Kuvayo 27-29 (Imin. 10)
No. 1: Kuvayo 29:19-30 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ukwicisha bugufi Yezu yagaragaje kw’isi—cf rup. 30-31 ing. 12-14 (Imin. 5)
No. 3: Nurondere akarusho k’abandi—lv rup. 72 ing. 20–rup. 73 ing. 23 (Imin. 5)
Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo. (Yes. 2:2) Nubaze ibibazo abamamaji babiri, umwe amaze imyaka myinshi mu kuri uwundi mushasha. Ni igiki catumye bashimishwa n’ukuri? Ni ingorane izihe babwirijwe gutsinda? Ni igiki cabakoze ku mutima igihe bitaba ikoraniro ry’ishengero ari bwo bwa mbere? Bibuka iki ku bijanye n’umusi baja mu busuku ari bwo mbere? Ni gute abandi mw’ishengero babafashije gutera imbere mu vy’impwemu?
Imin. 15: “Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutegura amajambo yo gutanguza ikiyago.” Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimugire umwerekano mugufi urimwo ibiri. Ubwa mbere mwerekane uburyo bwo gutanguza ikiyago butiyumviriwe neza hanyuma muce mwerekana ubwateguwe neza. Umwanya ubikunze nimushiremwo ivyiyumviro bibereye vyo mu gitabu Ishure ry’Ubusuku urupapuro rwa 215-219.
Ururirimbo rwa 117 n’isengesho