Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Myandagaro
INDWI ITANGURA KU WA 5 MYANDAGARO
Ururirimbo rwa 77 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 12 ing. 20-25, n’uruzitiro ruri ku rup. 151 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Abaroma 3:21–4:8 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma abakirisu b’ukuri babona ko ari “ba kavamahanga n’ingenzi” mw’isi —1 Pet. 2:11; 1 Yoh. 2:15-17 (Imin. 5)
No. 3: Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe—td 3A (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Ukuntu muri Myandagaro twoshikiriza ibinyamakuru biheruka gusohoka. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Hatwigisha iki? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Saba abumviriza basome Luka 5:27-32. Nimwihweze ukuntu ibivugwamwo bishobora kudufasha mu busuku bwacu.
Ururirimbo rwa 119 n’isengesho