ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/13 rup. 8
  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Ndamukiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Ndamukiza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Udutwe
  • INDWI ITANGURA KU WA 1 NDAMUKIZA
Igikorwa dukorera Ubwami—2013
km 3/13 rup. 8

Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 1 Ndamukiza

INDWI ITANGURA KU WA 1 NDAMUKIZA

Ururirimbo rwa 38 n’isengesho

□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:

jr ikig. 7 ing. 7-13 (Imin. 30)

□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:

Igisomwa ca Bibiliya: Luka 7-9 (Imin. 10)

No. 1: Luka 7:18-35 (Imin. 4 canke idashika)

No. 2: Ni ihanga rishasha irihe ryavutse kuri Pentekote, kandi hari ku bw’intumbero iyihe?—Gal. 6:16; 1 Pet. 2:9 (Imin. 5)

No. 3: Ibisabwa kugira umuntu arangure ubusuku (Imin. 5)—td 40B

□ Ikoraniro ry’umurimo:

Ururirimbo rwa 113

Imin. 10: Ingene tuzoshikiriza ibinyamakuru muri Ndamukiza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate amasegonde ari hagati ya 30 na 60 uvuge igituma ivyo binyamakuru bizoshimisha abantu bo mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa, mukoresheje ibinyamakuru muheruka kuronka mw’ishengero ryanyu kandi mwisunge Igikorwa dukorera Ubwami catanzwemwo uburyo bwo kubishikiriza.

Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.

Imin. 10: Nukoreshe neza Igitabu c’umwaka 2013. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze “Ikete rivuye ku Nama Nyobozi.” Nutunganye imbere y’igihe ivy’uko hagira abavuga ibintu biremesha basomye muri ico Gitabu c’umwaka. Nusabe abumviriza bavuge ibintu bihambaye vyo muri raporo yo kw’isi yose. Nusozere uremesha bose kurangiza gusoma ico gitabu.

Ururirimbo rwa 75 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika