Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu mezi ya Ntwarante na Ndamukiza: Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, nimubereke igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke bivanye n’ivyo uwo muntu akeneye, mumwereke agatabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera, kandi mugerageze gutanguza inyigisho za Bibiliya. Rusama na Ruheshi: Abamamaji barashobora gushikiriza kamwe muri utu dupapuro tw’inkuru nziza: Ivyabona vya Yehova bemera iki?, Iyi Si Yoba Izorokoka?, Ni Icizigiro Nyabaki Dufise ku Bacu Basandavye?, Ugucumukura kwose kugiye kurangira, Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha, Woba Ufise Umutima w’Ubwenge Udapfa?, hamwe na Yehova—Ni Nde? Hagize uwushimishwa, numwereke ingene inyigisho ya Bibiliya igirwa ukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke kamwe muri twa dutabu Niwumvirize Imana canke Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera.
◼ Icibutso kizoba ku wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2013. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira ikoraniro ku wa kabiri, iryo koraniro rikwiye kwimurirwa ku wundi musi nimba Ingoro y’Ubwami izoba ishobora kuboneka. Nimba Ikoraniro ry’umurimo ribwirizwa guhebwa, umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere yogira ivyo ahinduye kugira ngo ibiganiro vyaryo vyerekeye canecane ishengero ryanyu bishobore kuzorimburwa ku rindi Koraniro ry’umurimo muri ukwo kwezi. Amashengero azoba yagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko akwiye kwungururiza amakoraniro asanzwe agirwa ku musi wa kabiri ku wundi mugoroba wo muri iyo ndwi idasanzwe.