Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 24 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 5 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jr ikig. 3 ing. 1-6 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zekariya 9-14 (Imin. 10)
No. 1: Zekariya 11:1-13 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma abakirisu b’ukuri bankwa—td 36A (Imin. 5)
No. 3: Ni mu bihe ibihe twoshira mu ngiro ibivugwa mu Migani 15:1? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 30: Ukuntu twokoresha neza umuhora wacu wo kuri Internet wemewe. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku mayagwa ari ku rupapuro rwa 3-6. Igihe murimbura ibiri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’iminuta itatu w’umuryango uhejeje ugusenga kwo mu muryango. Serugo arabaza abandi ivyiyumviro borimbura mu ndwi ikurikira, abana baca bavuga ibintu boshima kurimbura biri ahavuga ngo “Imiyabaga” kuri Internet. Nusabe abumviriza bavuge ukuntu bakoresheje wa muhora wa jw.org, canke ukuntu bariko barategekanya kuwukoresha mu kwiyigisha no mu nyigisho y’umuryango. Igihe murimbura ibiri ku rupapuro rwa 5, nimugire umwerekano w’iminuta itatu aho umwamamaji afise agakoresho ngendanwa ariko arakoresha Internet mu kwishura ikibazo umuntu amubajije cerekeye ivyo twemera. Igihe murimbura ibiri ku rupapuro rwa 6, nimugire umwerekano w’iminuta ine aho umwamamaji aganira n’umuntu yashimishijwe yipfuza gusoma ibitabu vyacu mu rundi rurimi. Uwo mwamamaji arakoresha agakoresho kiwe ngendanwa canke orodinateri y’uwo muntu mu kumwereka urupapuro rwa ka gapapuro k’inkuru nziza Woba ushaka kumenya ukuri? canke urw’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu rurimi rw’uwo muntu, bagaca baruganirako. Nusabe abumviriza bavuge ukuntu bakoresheje uwo muhora wa jw.org mu busuku.
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho