Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Mukakaro
INDWI ITANGURA KU WA 9 MUKAKARO
Ururirimbo rwa 78 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 23 ing. 9-15, n’inzitiro ku rup. 184, 186 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Ezekiyeli 11-14 (Imin. 10)
No. 1: Ezekiyeli 11:14-25 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Umwana ntangana na Data—td 27B (Imin. 5)
No. 3: Ugutekereza ni iki, kandi gushobora gute kudufasha kubona ibintu mu buryo bwiza?—Zef. 2:3 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Nugire amasubirayo ari n’ico avamwo. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku bibazo bikurikira: (1) Kubera iki ari vyiza ko tuba dufise intumbero kanaka igihe cose dusubiye kugendera umuntu? (2) Dukwiye kumarana umwanya ungana gute n’umuntu igihe dusubira kumugendera incuro nka zingahe za mbere? (3) Twotanguza gute ikiyago igihe dusubiye kumugendera? (4) Twovuga iki igihe uwo muntu atubwiye ko adashimishwa? (5) Igihe dusubiye kugendera umuntu yakiriye agapapuro k’inkuru nziza, agatabu canke ibinyamakuru, ni ryari kandi ni gute twomujana mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha? (6) Twofasha gute umuntu ngo arushirize gushimishwa igihe bigoranye ko twongera kumutora i muhira? (7) Twoshobora gute kumenyereza abamamaji bataraca uruma mu gihe tuba turiko turagendera abantu twayaze?
Imin. 15: “Ni igiki gituma ugira ‘imvo yo kwirata’?” Ibibazo n’inyishu. Igihe muca irya n’ino ingingo ya 4, nuremeshe bose gutanga raporo yabo y’umurimo wo mu ndimiro buri kwezi. Nimwihweze ivyiyumviro bibereye vyo mu gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 88-90.
Ururirimbo rwa 9 n’isengesho