Ni igiki gituma ugira “imvo yo kwirata”?
1. Ni igiki gituma tugira imvo yo kwirata igihe cose ukwezi kurangiye?
1 Igihe cose ukwezi kurangiye maze umwe wese agasabwa gutanga raporo yiwe y’umurimo wo mu ndimiro, ni igiki gituma wewe ugira “imvo yo kwirata”? (Gal. 6:4) Waba uri umutsimvyi adasanzwe atanga amasaha 130 canke umwamamaji yemererwa gutanga raporo y’umwanya uva ku minota 15 kuduga, umwe wese arakwiye guhimbarwa n’igikorwa arangurira Yehova atiziganya.—Zab. 100:2.
2. Kubera iki dukwiye kwihata mu gikorwa turangurira Yehova?
2 Kubera ko Yehova ari Umukama Segaba w’ibiriho vyose, birabereye ko tumuha ivyiza dufise kuruta ibindi. (Mal. 1:6) Bivuye ku rukundo tumukunda, twaramweguriye ubuzima bwacu kugira ngo dukore ivyo agomba. Ku bw’ivyo rero, iyo umusi urangiye canke ukwezi kurangiye, tukaba tuzi neza ko mu gikorwa turangurira Yehova twatanze “umushuzo” w’umwanya wacu, ubuhanga bwacu be n’inkomezi zacu, umwe wese rero aba afise imvo yo kwirata ku giti ciwe. (Imig. 3:9) Ariko rero, nimba ijwi ryacu ryo mu mutima ritwagiriza, turakwiye guca turimbura ico twokora kugira ngo tugire ico turyohoye.—Rom. 2:15.
3. Kubera iki atari vyiza ko twigereranya n’abandi?
3 “Atari mu kwigereranya n’uwundi”: Si vyiza ko twigereranya n’abandi canke ngo twigereranye na twebwe nyene dufatiye ku gihe twari dufise inkomezi zikwiye. Ibintu birahinduka. Ubushobozi bw’abantu si bumwe. Kwigereranya n’abandi akenshi bituma umuntu agira agatima ko guhiganwa canke akumva ko ata co amaze. (Gal. 5:26; 6:4) Yezu ntiyagereranya abantu. Ahubwo riho, yakeza umuntu afatiye ku vyo yaba ashoboye gukora.—Mrk. 14:6-9.
4. Wa mugani wa Yezu werekeye italanto utwigisha iki?
4 Muri wa mugani wa Yezu werekeye italanto, umukozi wese yahawe italanto “nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” (Mat. 25:15) Igihe shebuja yagaruka maze akabasaba raporo y’ivyo baranguye, abakoze bivuye inyuma bisunze ubushobozi bwabo be n’uko ivyabo vyari vyifashe barakejwe hanyuma binjira mu kanyamuneza ka shebuja. (Mat. 25:21, 23) Na twebwe nyene, igihe tuguma dukorana umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, turashobora guhera amazinda yuko Imana idushima kandi tukagira imvo yo kwirata!