Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 5 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 103 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 17 ing. 15-19 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yeremiya 1-4 (Imin. 10)
No. 1: Yeremiya 3:14-25 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma duhimbarwa no kuba twitirirwa izina rya Yehova—Yes. 43:12 (Imin. 5)
No. 3: Igituma amasengesho amwamwe atemerwa (td 19B) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Niwungukire ku gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2012. Nuce irya n’ino muri make akajambo k’intangamarara mu buryo bw’insiguro. Ca usaba abumviriza bavuge umwanya bishingiye wo kwihweza icanditswe c’umusi be n’ingene bavyungukiyeko. Nimurangize muca irya n’ino icanditswe c’umwaka wa 2012.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Ntwarante. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Fata umunota umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biganiro vyoshimisha abantu mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro vyo muri Be maso! bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, hanyuma umwanya ubibakundiye, ubigenze gutyo no ku kindi kiganiro kimwe co muri ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 75 n’isengesho