Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza muri Ruhuhuma: Abamamaji boshobora gushikiriza kimwe muri ibi bikurikira: Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, La Bible : Parole de Dieu ou des hommes?, hamwe na Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? Ntwarante: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gutanguza inyigisho mukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha.
◼ Insiguro idasanzwe izoshikirizwa mu mpera y’umushamvu uzoberamwo Icibutso, ikazoba ivuga ngo “Woba ubona ko iherezo ryegereje cane?”
◼ Igihe cose utegekanya kugira urugendo mu gihugu kitari mu rutonde ruri muri raporo y’umwaka w’umurimo igezweko canke mu rutonde ruri ku rupapuro rwa nyuma rw’Igitabu c’umwaka, turagusavye uvugane n’ibiro vy’ishami ukukira kugira umenye neza ivyo wokwiyubarako canke ubuyobozi budasanzwe wokwisunga. Igikorwa c’Ubwami muri ako karere gishobora kuba carashiriweho ibitangirizi binaka. (Mat. 10:16) Mu bihugu bimwebimwe vyoshobora kuba atari vyiza ko ingenzi zirondera kubonana n’Ivyabona baho canke amashengero yaho. Woshobora kuronswa ubundi buyobozi ku bijanye no kwamamaza akaryo kizanye canke kugenda witwaje ibitabu. Ukurikije ubwo buyobozi bizokurinda kwiteza ingorane bitari ngombwa canke ngo uziteze igikorwa c’Ubwami kirangurirwa muri ico gihugu uzoba ugendeye.—1 Kor. 14:33, 40.