Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 28 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 28 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 26 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 13 ing. 8-16, n’uruzitiro ku rup. 105 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Indirimbo ya Salomo 1-8 (Imin. 10)
No. 1: Indirimbo ya Salomo 1:1-17 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Guma uri maso mu buryo bw’impwemu kugira ngo ubone ikimenyetso c’imisi ya nyuma (td 14B) (Imin. 5)
No. 3: Twokora iki kugira ngo abandi batwubahe? (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. Mukoresheje the uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 4, nimugire umwerekano w’ukuntu twotanguza inyigisho ya Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wo muri Kigarama. Nuremeshe bose kuzobigiramwo uruhara.
Imin. 15: “Kamere ihambaye kuruta izindi zose iranga umwigisha mwiza.” Ibibazo n’inyishu. Nusabe abumviriza bavuge ukuntu urukundo bagaragarijwe n’uwabigishije Bibiliya rwabafashije gutera imbere mu vy’impwemu.
Imin. 10: Ukuntu twoshobora gushikiriza ibinyamakuru muri Kigarama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Fata umunota umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biganiro vyoshimisha abantu mu cibare canyu. Hanyuma, ufatiye ku biganiro vy’Umunara w’Inderetsi bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho, nusabe abumviriza bavuge ikibazo kivyura ugushimishwa bobaza, uce ubasaba bavuge icanditswe bosoma. Nubigenze nk’ukwo nyene ku biganiro bihuye n’umutwe wo ku gipfukisho vyo muri Be maso!, be no ku kindi kiganiro co muri kimwe muri ivyo binyamakuru, nimba umwanya ubakundiye. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri ivyo binyamakuru coshobora gushikirizwa.
Ururirimbo rwa 63 n’isengesho