Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Ni nde akwiye kwuzuza twa dupapuro bagegena ku binyamakuru two gusaba ibitabu canke kugenderwa be na harya babisabira kuri Internet?
Ibinyamakuru vyacu be n’udutabu twacu akenshi biba biriko mwene utwo dupapuro bagegena two gusaba ibitabu canke kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova dushobora kwuzuzwa hanyuma tukarungikwa ku biro vy’ishami. Vyongeye, wa muhora wacu wo kuri Internet ari wo www.watchtower.org urashobora gukoreshwa mu gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Ivyo biriko birafasha abantu benshi kumenya ukuri. Ariko rero, harakunda kuba ingorane igihe abamamaji bakoresheje ubwo buryo mu gusabira incuti zabo canke abandi imfashanyo yo mu vy’impwemu.
Abantu bamwebamwe ibiro vy’ishami vyarungikiye ibitabu batabisavye baridoze, babona ko ishirahamwe ryacu ririko ribabuza amahoro be n’uko ryoba rifise amazina y’abantu rirungikira ibitabu. Abamamaji basabwe kugendera umuntu atigeze asaba kugenderwa ntivyaboroheye igihe nya muntu yashavura. Ku bw’ivyo, gusaba kugenderwa canke gusaba ibitabu biciye ku muhora wacu wa Internet canke kuri twa dupapuro bagegena, bikwiye kugirwa n’abashimishijwe ubwabo; abamamaji si bo bakwiye kubigirira abandi. Igihe bimenyekanye ko ari umwamamaji abigiriye uwundi muntu, mu bisanzwe bica vyihozwa.
Twofasha gute none mu vy’impwemu incuti canke umuntu tuzinanyi? Nimba wipfuza ko yoronka ibitabu, ubona gute wewe ubwawe ubimurungikiye bwa ngabirano? Nimba yarerekanye ko ashimishwa kandi akaba ashaka kugenderwa n’Ivyabona mugabo ukaba utazi ingene mwovugana n’abakurambere bo mw’ishengero ryo mu karere abamwo, ukwiye kwuzuza ka gapapuro Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) ukagaha umunyamabanga w’ishengero ryanyu; azokihweza ace akarungika ku biro vy’ishami. Ariko rero, nimba nya muntu ari mw’ibohero, mu kigo gifasha abiziziwe n’ibiyayuramutwe canke ibindi bintu, canke akaba ari mu bitaro vya Leta, ntukwiye kwitura ibiro vy’ishami. Ahubwo riho, woshobora kumuremesha kuvugana n’abavukanyi bagendera aho hantu canke we ubwiwe akandikira ibiro vy’ishami.