Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 14 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 49 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 12 ing. 14-20 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Umusiguzi 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Umusiguzi 6:1-12 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ukuntu abakirisu babona ivyo guhimbaza imisi mikuru (td 13A) (Imin. 5)
No. 3: Igituma abakirisu b’ukuri bakurikiza impanuro iri mu Baroma 12:19 (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Woba uhimbarwa n’“agateka ko gutanga n’umutima ukunze”? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere ishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Munyonyo 2011, urupapuro rwa 22-23.
Imin. 15: “Imbuto zitegerezwa kuvomerwa kugira zikure.” Ibibazo n’inyishu. Mumaze kwihweza ingingo ya 3, nimugire agakino ko kwivugana aho umwamamaji yitegurira gusubira kugendera uwo bayaze. Arasuzuma utwo yiyandikiye ku bijanye na nya muntu, akiyumvira ukuntu yokwishura ikibazo yasize igihe aheruka kumugendera be n’ingene yotanguza inyigisho mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Nimwihweze muri make ibivugwa mu gitabu Twagizwe ishirahamwe ku rupapuro rwa 85, ingingo ya 3, ku bijanye n’ico ari co isubirayo.
Ururirimbo rwa 98 n’isengesho