Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 7 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 7 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 131 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 12 ing. 9-13, n’uruzitiro ku rup. 97 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Imigani 27-31 (Imin. 10)
No. 1: Imigani 28:19–29:10 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Kuzirikana ku Baroma 8:32 bidukura amazinda gute ko ivyo Imana yasezeranye vyose bizoranguka? (Imin. 5)
No. 3: Ni bande baja mw’ijuru? (td 12A) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Woba umaze kwibaza igituma? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2008, urupapuro rwa 31 [uruzitiro]. (Raba kandi rs-F rup. 362 ing. 2-rup. 264 ing. 2 canke rs-SW rup. 46 ing. 1-rup. 48 ing. 1.) Nimugire umwerekano mugufi aho umutsimvyi abazwa ikibazo kijanye n’uguterwa amaraso igihe ariko yamamaza inzu ku nzu maze akacishura akoresheje ayo mayagwa.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Yehova ntazoheba abantu biwe. (Zab. 94:14) Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2006, urupapuro rwa 14 ingingo ya 2-6 be n’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2009, urupapuro rwa 21 ingingo ya 5 gushika ku rupapuro rwa 22 ingingo ya 4. Saba abumviriza bavuge ivyigwa bahigiye.
Ururirimbo rwa 110 n’isengesho