ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/11 rup. 7
  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 10/11 rup. 7

Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi

Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 31 Gitugutu 2011.

1. Kubera iki dukwiye kwumira ku vyibutsa vya Yehova? (Zab. 119:60, 61) [w00 1/12 rup. 24 ing. 3]

2. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira kuri Zaburi 133:1-3? [w06 1/9 rup. 16 ing. 3]

3. Ni mu buryo ki Yehova ‘yaseranguye’ Dawidi yongera ‘agera ukugenda kwiwe n’ukuryama kwiwe yiramvuye’? (Zab. 139:1, 3) [w06 1/9 rup. 16 ing. 6]

4. Ni mu ngorane bwoko ki Yehova “ashigikira” canke “ahagurutsa” abasavyi biwe? (Zab. 145:14) [w04 15/1 rup. 17 ing. 11]

5. Ni mu buryo ki ugutinya Yehova ari “yo ntango y’ubumenyi” kukaba na “yo ntango y’ubukerebutsi”? (Imig. 9:10) [w06 15/9 rup. 17 ing. 1]

6. Gushira mu ngiro ibivugwa mu Migani 15:23 bishobora gute gutuma mu rugo haba agahimbare? [fy ikig. 4 ing. 21]

7. Umuntu w’inkerebutsi atandukaniye he n’igipfu mu kuntu bavyifatamwo iyo batutswe canke banebaguwe ata shingiro? (Imig. 12:16) [w03 15/3 rup. 27 ing. 3-4]

8. Kubona ibintu mu buryo bwiza ni gute bituma umuntu “yama ku nzimano”? (Imig. 15:15) [w06 1/7 rup. 16 ing. 6]

9. Ingingo ngenderwako yo mu Migani 24:27 ishobora gute gufasha umusore ariko yiyumvira ivyo kwubaka urwiwe? [lv ikig. 10 ing. 14]

10. Ugutahura gushobora gute kugirira akamaro urugo? (Imig. 24:3) [w06 15/9 rup. 27 ing. 11; be rup. 31 ing. 6]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika