Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 3 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 3 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 133 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 10 ing. 10-21 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Imigani 1-6 (Imin. 10)
No. 1: Imigani 6:1-19 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Mu Baroma 8:26, 27 hadukura amazinda gute ko Imana idukunda? (Imin. 5)
No. 3: Igituma abantu bose bashikirwa n’ingaruka z’igicumuro ca Adamu (td 10B) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Bitwigisha iki? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimusome Luka 5:12, 13 na Luka 8:43-48. Nimuce irya n’ino ukuntu izo nkuru zishobora kudufasha mu busuku turangura.
Imin. 10: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 10: Tugaragaze imico myiza mu busuku. (2 Kor. 6:3) Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye kuri ibi bibazo: (1) Kubera iki bihambaye ko tugaragaza imico myiza igihe turiko turamamaza? (2) Dushobora gute kugaragaza imico myiza igihe (a) dushitse mu cibare? (b) turiko turamamaza inzu ku nzu? (c) duhagaze imbere y’umuryango? (d) uwo turi kumwe ariko arayaga n’umunyamuhana? (e) uwo twasanze ku muhana ariko aravuga? (f) uwo twasanze ku muhana afatiriwe canke ikirere kitifashe neza? (g) uwo twasanze ku muhana adufashe nabi?
Ururirimbo rwa 16 n’isengesho