Amatangazo
◼ Ivyo tuzoshikiriza mu kwezi kwa Nyakanga: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimwihatire gutanguza inyigisho za Bibiliya igihe mugendeye umuntu ari bwo bwa mbere. Nimba abanyamuhana baramaze kuronka ico gitabu bakaba kandi batemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, abamamaji boshobora gushikiriza ikinyamakuru ico ari co cose ca kera canke agatabu ako ari ko kose karimwo ibintu bishimisha uwo muntu. Gitugutu: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Igihe hari uwugaragaje ugushimishwa, nimumushikirize ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba ushaka kumenya ukuri? mwongere mwihatire gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Munyonyo: Bibiliya irimwo ubutumwa ubuhe? Amashengero arashobora guhitamwo no gushikiriza utundi dutabu utwo ari two twose tw’impapuro 32 two mu vyashikirijwe muri Myandagaro 2011, canke utwo tundi dutabu akaba ari two ashikiriza mu gishingo cako.
◼ Insiguro y’icese idasanzwe yo mu kiringo c’Icibutso co mu 2012 izoshikirizwa mu ndwi yo ku wa 2 Ndamukiza. Umutwe-shimikiro w’iyo nsiguro uzomenyeshwa hanyuma. Nta shengero na rimwe rikwiye kuzoshikirizwa iyo nsiguro imbere y’Icibutso.
◼ Abamamaji bazokora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ntwarante 2012 bazoshobora gutanga amasaha ava kuri 30 no kubandanya canke bashitse ya masaha 50 asabwa. Vyongeye, niba umucungezi w’umuzunguruko azogendera ishengero ryanyu muri Ntwarante, abazoba bariko bakora ubutsimvyi bwo gufasha bose, baba ari abakora amasaha 30 canke 50 asabwa, baratumiwe kuzokwitaba inama yose umucungezi w’umuzunguruko azogirana n’abatsimvyi basanzwe.
◼ Guhera muri Nyakanga, abacungezi b’imizunguruko bazoshikiriza insiguro ivuga ngo “Niwifatanye n’abasavyi b’Imana bahimbawe.”