Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 27 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 27 RUHESHI
Ururirimbo rwa 123 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 5 ing. 17-22 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 52-59 (Imin. 10)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (Imin. 20)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Amatangazo. “Mparure umwanya ungana gute?” Insiguro ishikirizwa n’umukurambere. Inyuma y’iyo nsiguro, nimukoreshe uburyo bwo gutanguza ibiyago buri ku rupapuro rwa 8 mu kugira umwerekano w’ukuntu twotanguza inyigisho ya Bibiliya ku wa gatandatu wa mbere wo muri Mukakaro. Nuremeshe bose kubigiramwo uruhara.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru muri Mukakaro. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate umunota umwe canke ibiri uvuge bimwebimwe mu biri muri ivyo binyamakuru. Nuce uhitamwo ibiganiro bibiri canke bitatu, hanyuma usabe abumviriza bavuge ibibazo be n’ivyanditswe vyoshobora gukoreshwa mu gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri vyo coshobora gushikirizwa.
Imin. 15: Dukoreshe ubugenge igihe twamamaza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rwa 197-199. Nimugire umwerekano w’ukuntu umwamamaji yishura atabigiranye ubugenge amajambo akunze kuvugwa yo guhagarika ikiyago. Nimuce mugira uwundi mwerekano w’ukuntu uwo mwamamaji nyene yishurana ubugenge ya majambo nyene yo guhagarika ikiyago.
Ururirimbo rwa 92 n’isengesho