“Mparure umwanya ungana gute?”
Woba umaze kubaza ico kibazo? Muri rusangi, ubuyobozi twokwisunga turabusanga mu gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 86-87. Rimwe na rimwe haratangwa ubundi buyobozi, nk’ubwo kiri mu kiganiro kivuga ngo “Inyishu ku bibazo vyanyu” kiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2008. Kubera ko ibintu bitama vyifashe kumwe, nta rutonde rurerure twahawe rw’amategeko twokwisunga. Ntivyoba rero bibereye ko abakurambere canke abandi bashiraho ubundi buyobozi.
Havyutse ikibazo mugabo hakaba ata buyobozi burasohorwa bujanye n’ico kibazo, umwamamaji wese yokwibaza ati: Uwo mwanya noba nawumaze mu busuku? Canke noba nawumaze nkora ikindi kintu kitajanye vy’ukuri n’ico gikorwa? Ivyo twandika kuri raporo yacu y’umurimo wo mu ndimiro buri kwezi bikwiye gutuma twumva tunezerewe aho gutuma ijwi ryacu ryo mu mutima ritwagiriza. (Ivyak. 23:1) Ariko ntiwumve, ikintu nyamukuru twitwararika si ukuntu twoharura umwanya, ariko ni ukuntu twowukoresha neza mu kuba abanyamwete mu busuku.—Heb. 6:11.