ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/11 rup. 3-4
  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikete rivuye ku Nama Nyobozi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 3/11 rup. 3-4

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Vyabona vya Yehova bagenzi bacu bakundwa:

Ese ingene ibihe turimwo ari ibihe bihimbaye kandi biteye umunezero! Turahimbarwa vy’ukuri bavukanyi namwe bashiki bacu bakundwa kubona dukorana ‘duhuje inama’ mu gushingira Dawe wa twese wo mw’ijuru Yehova intahe ihambaye kuruta iyindi yose yigeze gushingwa.—Zef. 3:9; Yoh. 14:12.

Kuba dufise umunezero mu gusukurira Yehova ntibishaka kuvuga ko ata ngorane zikomeye zidushikira. Mu mwaka w’umurimo uheze, bamwebamwe muri mwebwe barashikiwe n’amakuba aturutse kuri vya nyamugigima, amasegenya, ibihuhusi, n’ibindi vyago vy’ivyaduka bigeramira ubuzima bwacu. (Mat. 24:7) Ku musi ku musi, benshi barahangana n’ingaruka zisinzikaza ziva ku ndwara canke ku busaza. Twese dukwiye kwihanganira “ububabare nk’ubw’ibise” burushiriza kwongerekana. (Mat. 24:8) Benshi mu bavukanyi bacu bari mw’ibohero bazira ukwizera kwabo mu bihugu vyinshi, aho hakaba harimwo Arumeniya, Eritreya, na Koreya y’Epfo.—Mat. 24:9.

Naho hari izo ngorane, ni igiki cadufashije kuguma tubona ibintu mu buryo bwiza? Icanditswe c’umwaka wa 2010 caratwibukije iki kintu gihambaye: ‘Urukundo rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.’ (1 Kor. 13:7, 8) Emwe, urukundo dukundana be n’urwo dukunda Yehova ruradukomeza kugira twihangane maze turoranirwe.

Benshi mu biyita abakirisu baratangazwa cane n’urugero dushikanako mu kurangura igikorwa cacu co kwamamaza be n’ukuntu tukirangura kumwe kandi tudatezura. Bamwebamwe naho bashobora kuba batemera ivyo twemera be n’inyigisho zacu, barakozwe ku mutima ku buryo mbere bavuga bati: “Muriko murakora igikorwa twari dukwiye kuba turiko turakora!” Ni ikintu kimwe ikihe gituma Ivyabona vya Yehova babandanya kwamamaza ku musi ku musi? N’aho nyene, inyishu ni urukundo. Cokimwe na Dawe wa twese wo mw’ijuru, ntidushaka ko hogira umuntu n’umwe yorandurwa. (2 Pet. 3:9) Icipfuzo cacu c’uko bose boshika ku kwigaya, kigaragarira ku gitigiri gishasha c’abamamaji 7.508.050 cabonetse muri uwu mwaka w’umurimo uheze. Ni irindi dini irihe ga yemwe rifise abasuku benshi gutyo bakorana umwete ico gikorwa kiranga urukundo, bakitanga bavyishakiye kugira bafashe abandi mu vy’impwemu?

Turaremeshwa no kubona ubuhanuzi bwanditswe na Yesaya bubandanya kuranguka. Bugira buti: “Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi: umusozi w’inzu ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi; kandi amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo.” (Yes. 2:2-4) Mu bagize isinzi rinini ririko rirarindiga rija ku nzu ya Yehova harimwo 294.368 babatijwe mu mwaka w’umurimo uheze. Turahaye ikaze abo bantu b’agaciro. Ese urukundo rwacu rwa gikirisu rwotuvyurira umutima wo kubandanya kubafasha kunanira ibitero vya wa mwansi wacu Shetani wa Mubesheranyi!—1 Pet. 5:8, 9.

Igitigiri kitari bwigere gishikwako c’abantu 18.706.895 bitavye Icibutso ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30 Ntwarante 2010, kirerekana ko hashobora kuboneka abandi bantu amamiliyoni bifatanya natwe mu gusenga Yehova. Ese ukuntu tunezerwa kubona Yehova atarasangangura ivy’iyi si mbi! Mu kurindira, urukundo rwacu ruradufasha kubandanya kwihangana.—2 Tes. 3:5.

Amahwaniro y’intara yataziriwe ngo “Nugume wiyegereje Yehova!”, menshi muri yo akaba yabaye hirya no hino mw’isi mu 2010, yarakomeje ubucuti dufitaniye na Dawe wa twese wo m’ijuru Yehova. Umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Hahiriwe abantu Imana yabo ari Yehova!” Mbega ukuntu ayo majambo ari ay’ukuri! (Zab. 144:15) Ico kazoza koba katubikiye cose, twumva dushize amazinda yuko ata kintu na kimwe dukwiye gutinya nimba dufise Yehova iruhande yacu. (Zab. 23:4) Vuba Yehova abicishije ku Mwana wiwe, ‘azosambura ibikorwa vya Shetani.’ (1 Yoh. 3:8) Vy’ukuri, turarindiranye igishika uwo musi! Mugabo mu kurindira, turafise ibikorwa vyinshi bituma tuguma dufise ivyo ducurumbamwo.—1 Kor. 15:58.

Mumenye neza y’uko twama tubashira mu masengesho yacu “ubudahengeshanya.” (Rom. 1:9) Ese “[mwokwigumiza] mu rukundo rw’Imana, mu gihe murindiriye imbabazi z’Umukama wacu Yezu Kristu ngo muronke ubuzima budahera.”—Yuda 21.

Turabakunda mwese!

Abavukanyi banyu,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika