Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 28 Ntwarante
INDWI ITANGURA KU WA 28 NTWARANTE
Ururirimbo rwa 45 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 1 ing. 16-21 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yobu 11-15 (Imin. 10)
No. 1: Yobu 13:1-28 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma Yezu ari “Umukama w’isabato”—Mat. 12:8 (Imin. 5)
No. 3: Gupfa kwizera Yezu vyoba bihagije kugira ngo umuntu aronke ubukiriro?—td 44C (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo. Nimuvuge ivyo tuzoshikiriza muri Ndamukiza, maze hagirwe umwerekano w’ukuntu twotanguza inyigisho ya Bibiliya igihe dusubiye kugendera umuntu yakiriye ibinyamakuru.
Imin. 10: Gushigikira igikorwa c’Ubwami aho iwanyu no kw’isi yose. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 127, ingingo ya 2 gushika ku rwa 129, ingingo ya 2.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru muri Ndamukiza. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nufate umunuta umwe canke ibiri uvuge ibiri muri ivyo binyamakuru. Nuce uhitamwo ibiganiro bibiri canke bitatu, hanyuma usabe abumviriza bavuge ibibazo be n’ivyanditswe vyoshobora gukoreshwa mu gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri vyo coshobora gushikirizwa.
Imin. 10: “Woba warigeze kuba umutsimvyi asanzwe?” Ibibazo n’inyishu. Nimba hari umutsimvyi yigeze kubuhagarika ubu akaba yarasubiye kubukora igihe ivyiwe vyahinduka, mwoshobora kumubaza ibibazo muri make. Ni igiki catumye asubira gukora ubutsimvyi? Ni imihezagiro iyihe yironkeye?
Ururirimbo rwa 6 n’isengesho