Tuzotangura gutanga ubutumire bw’Icibutso itariki 2 Ndamukiza
1. Tuzotanga ubutumire bw’Icibutso ryari muri uyu mwaka, kandi iryo sekeza riba buri mwaka rifise akamaro akahe?
1 Kuva itariki 2 gushika 17 Ndamukiza, tuzotanga ubutumire bw’urubanza ruhambaye kuruta izindi zose mu mwaka, ni ukuvuga Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Mu myaka iheze, abantu benshi bashimishijwe baritavye ubutumire twabahaye muri iryo sekeza riba buri mwaka. Nk’akarorero, umusi umwe w’Icibutso, hari umukenyezi yaterefonye ku biro vy’ishami avuga ati: “Nshitse i muhira ubu nyene nsanze ubutumire munsi y’umuryango. Ndipfuza kwitaba urwo rubanza, ariko sinzi neza isaha.” Umuvukanyi yamwitavye yaramusiguriye aho ashobora gusanga ayo makuru kuri nya butumire. Uwo mukenyezi yasozereye asezerana ati: “Emwe, nditaba urubanza rwanyu ku mugoroba!”
2. Dushobora kuvuga iki igihe dutanga ubutumire?
2 Ingene tuzobutanga: Kubera yuko dufise umwanya muto wo guhetura icibare, ni vyiza ko duca make. Twoshobora kuvuga duti: “Ndabaramukije. Twagomba guha umuryango wanyu ubu butumire bw’ikintu gihambaye twama duhimbaza buri mwaka, kikaba kizohimbazwa kw’isi yose ku w’iyinga itariki 17 Ndamukiza. [Nuce uhereza uwo munyamuhana ubutumire.] Iyo tariki ihuye n’umusi Yezu yapfiriyeko. Hazotangwa ku buntu insiguro ishingiye kuri Bibiliya isigura ukuntu dushobora kwungukira ku ncungu ya Kristu. Ubu butumire burerekana ikibanza n’isaha iryo koraniro rizoberako aha mu karere iwacu.”
3. Twokora iki kugira dutumire abantu benshi bashoboka?
3 Nimba ishengero ryanyu rifise icibare kinini, abakurambere boshobora kubagira inama yo kuza murasiga udupapuro tw’ubutumire ku mihana musanze atari ho bari, ariko mukabushira aho abahita badashobora kububona. Nimurabe neza ko mwatumiye abo mwaganiriye, incuti zanyu, abo mukorana, abo mwigana kw’ishure be n’abandi muzinanyi. Igihe mutanga ubwo butumire mu mpera z’imishamvu, mwotanga n’ibinyamakuru igihe cose bibereye. Woba woshobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Ndamukiza maze ukarushiriza kugira uruhara muri iryo sekeza riteye umunezero?
4. Kubera iki twipfuza ko abashimishijwe bitaba Icibutso?
4 Ese ukuntu abazoba bashimye kwitaba Icibutso bazokwironkera ubutumwa bukomeye! Bazokwumva ivyerekeye urukundo rukomeye Yehova yagaragaje mu gutanga incungu. (Yoh. 3:16) Bazomenya ukuntu Ubwami bw’Imana buzozanira abantu imihezagiro. (Yes. 65:21-23) Bazoremeshwa kandi kwegera abakira abantu maze basabe ko bogirirwa inyigisho ya Bibiliya kugira bamenye vyinshi. Dusenga dusaba ko abantu benshi b’imitima nziraburyarya bokwemera ubwo butumire buzotangwa muri iryo sekeza maze bakifatanya natwe ku Cibutso!