ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/10 rup. 5-6
  • Woba ushobora kwitwararika uwutizera yubakanye n’uwizera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushobora kwitwararika uwutizera yubakanye n’uwizera?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Urugo rw’abadasangiye idini rwobamwo agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Dutsinde urugamba rwo kubwira inkuru nziza abantu b’abagabo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 11/10 rup. 5-6

Woba ushobora kwitwararika uwutizera yubakanye n’uwizera?

1. Ni kubera iki abakirisu bubakanye n’abo badasangiye ukwizera atari bo bonyene bipfuza kubafasha kwakira ukuri?

1 Hoba hari abamamaji mw’ishengero iwanyu bafise abanega canke abakenyezi batizera? Nimba bariho, nta gukeka ko bipfuza yuko abo bubakanye bifatanya na bo mu gusenga kw’ukuri. Ariko rero si bo bonyene bavyipfuza. Ishengero ryose risangiye n’Imana icipfuzo c’uko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Twoshobora gute none kwitwararika abanega canke abakenyezi batizera bubakanye n’abamamaji bo mw’ishengero ryacu?

2. Ugutahura kwimbitse kuzodufasha gute kwitwararika umunega canke umukenyezi atizera?

2 Ubwa mbere, twogerageza kwishira mu kibanza c’uwo atizera. Abatizera benshi bubakanye n’abizera barakunda imiryango yabo kandi baragerageza kuba abanega, abakenyezi canke abavyeyi beza. Hari aho boba bari n’ivyo bemera ata buryarya bitandukanye n’ivyacu. Bashobora kuba ata vyinshi bazi ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova uretse ivyo babwiwe n’abagenzi babo batatuzi neza canke batwikeka. Bamwebamwe barababazwa n’umwanya abo bubakanye bamara bari mu busuku kandi bahora bawumara bari kumwe n’umuryango. Ugutahura kwimbitse kuzodufasha kwitwararika uwutizera tubigiranye umutima mwiza n’icubahiro, kudufashe no kwirinda kugira ubuyega bidakenewe igihe turi kumwe na we.—Imig. 16:20-23.

3. Ni uburyo ubuhe bwo kuresha umunega canke umukenyezi atizera bwoshobora kuba bwiza kuruta ubundi bwose?

3 Numwitwararike ku giti ciwe: Kugira tugondoze umunega canke umukenyezi atizera ngo yemere ukuri, uburyo bwiza kuruta ubundi twokoresha n’imiburiburi mu ntango, ni ibikorwa si ibiyago bishingiye kuri Bibiliya. (1 Pet. 3:1, 2) Mu kubikora, birahambaye ko tumwereka yuko tumwitwararika ku giti ciwe. Bashiki bacu bo mw’ishengero bashobora kwitwararika umukenyezi atizera, abavukanyi na bo bakitwararika umunega atizera. None bobigenza gute?

4. Twokwereka gute uwutizera ko tumwitwararika ku giti ciwe?

4 Nimba utarabonana n’uwo munega canke uwo mukenyezi, woshobora kumbure kubanza kubiyaga n’uwo mukirisu bubakanye. Ntuvunike umutima nimba uwo atizera adashotse avyakirana igishika. Tumufashe kigenzi kandi tukamwereka ko tumwitwararitse ku giti ciwe vyoshobora gutuma abona neza Ivyabona vya Yehova. (Rom. 12:20) Abakirisu bahumuye bamwebamwe baratumiye uwutizera be n’umuryango wiwe kugira basangire udufungurwa two ku mugoroba, babigira barondera kumenyana neza no gukuraho imyikeko yoba iriho. Bayaze ku bishimisha uwo atizera aho kugerageza kuyaga vyanse bikunze ku vy’impwemu. Mu nyuma, umwe atizera amaze kwumva ko yorohewe, vyoshobora gukunda ko muyaga ku Vyanditswe. Canke na ho yoshobora kwemera ubutumire bwo kwitaba rimwe mu makoraniro yacu kugira ngo arabe ivyo umukenyezi wiwe ariko ariga, na canecane ko aba amaze kumenya bamwebamwe bo mw’ishengero. N’igihe nyene yoba atiteguriye gutohoza ukuri, umuntu ntiyobura kumukeza kubona ashigikira uwo bubakanye yizera.

5. Abakurambere bokwitwararika gute uwutizera?

5 Abakurambere ni bo canecane bakwiye kwitwararika abanega canke abakenyezi batizera no kutagisha uturyo two gushinga intahe. Uwutizera yahora adashaka kuyaga ku bijanye na Bibiliya yoshobora gutega yompi uwumuremesha akoresheje Ivyanditswe igihe ari mu bitaro canke ashikiwe n’ingorane zikomeye z’amagara. Igihe hashitse ingorane mu rugo rw’uwutizera yubakanye n’uwizera, nko kubura uwo mu muryango, abakurambere boshobora gusaba uwo atizera ngo abe ari ho ari igihe baremesha umuryango.

6. Ni imvo izihe zotuma twitwararika abatizera bubakanye n’abizera?

6 Ibaze nawe umunezero umukirisu wo mw’ishengero ryacu azogira bishitse uwo bubakanye akitabira ukuri! Ikintu gihimbaye nk’ico nticobura kandi gutera umunezero Yehova, abamarayika be n’abandi bose bagize ishengero. (Luka 15:7, 10) Ariko rero, nimba uwo atizera abanje kutavyakira neza, na ho nyene turanezerezwa n’uko utwigoro tubandanya kugira duhimbara Yehova, we “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”—2 Pet. 3:9.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]

Kugira tugondoze umunega canke umukenyezi atizera ngo yemere ukuri, uburyo bwiza kuruta ubundi twokoresha n’imiburiburi mu ntango, ni ibikorwa si ibiyago bishingiye kuri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika