Dutsinde urugamba rwo kubwira inkuru nziza abantu b’abagabo
1. Ni ikintu ikihe gikenewe bimwe vyihutirwa mu bijanye no kwitwararika ivyungura Ubwami?
1 Uko igikorwa co kwamamaza Ubwami kiguma gitera imbere muri ino misi ya nyuma, harakenewe bimwe vyihutirwa abagabo bakwije ibisabwa mu vy’impwemu boja imbere abandi. (Mrk. 4:30-32; Ibik. 20:28; 1 Tim. 3:1-13) Ariko rero, mu mihingo imwimwe usanga abagabo bari ku rushi ari bo bariko baremera ubutumwa bw’Ubwami ubagereranije n’abagore. Mu mico kama imwimwe, usanga abagabo babona ko abakenyezi babo ari bo bakwiye kwitwararika ibijanye no kwigisha abana ivyerekeye Imana. Twoshobora gute kuremesha abagabo benshi kuruta kugira ngo batahure ko bakeneye ivy’impwemu maze bifatanye natwe mu gusenga kw’ukuri?
2. Ni gute utwigoro Paulo na Petero bagize two kubwira inkuru nziza abagabo twavuyemwo ivyiza?
2 Twibande ku kubwira inkuru nziza abagabo: Igihe serugo yemeye ukuri, akenshi usanga aremesha abandi bagize umuryango ngo bifatanye na we mu gusenga gutyoroye. Nk’akarorero, igihe Paulo na Silasi bari mw’ibohero bahorwa ko bariko baramamaza, barabwiye inkuru nziza umurinzi w’ibohero. Uwo mugabo hamwe n’abo mu rugo rwiwe bose barabatijwe. (Ibik. 16:25-34) Bivuye ku gikorwa co kwamamaza Paulo yaranguriye i Korinto, “Kirisipo umukuru [yari] ahagarikiye isinagogi [yaracitse] uwemera Umukama, n’abo mu rugo rwiwe bose.” (Ibik. 18:8) Petero yarakoreshejwe na Yehova kugira ngo abwire inkuru nziza Koruneliyo, uno akaba yari intwazangabo yadondowe ko ari “umuntu yubaha Imana kandi akayitinya.” Koruneliyo yarabatijwe, hamwe n’incuti ziwe be n’abagenzi biwe somambike.—Ibik. 10:1-48.
3. Mu kwigana Filipo, ni bande “bari mu kibanza co hejuru” ushobora kubwira inkuru nziza?
3 Kubwira inkuru nziza abagabo “bari mu kibanza co hejuru” vyoshobora kugira ico bikoze kinini. (1 Tim. 2:1, 2) Nk’akarorero, umumarayika wa Yehova yarahanuye Filipo ngo aje kuvugana n’ “umuntu w’ububasha” yari ajejwe ubutunzi bwose bw’umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Filipo yarumvise uwo mugabo “ariko arasoma n’ijwi ryumvikana ivyanditswe n’umuhanuzi Yesaya” maze aramusigurira inkuru nziza yerekeye Yezu. Uwo Munyetiyopiya yaracitse umwigishwa kandi ashobora kuba yagiye arakwiragiza inkuru nziza mu nzira yaciyemwo asubira mu gihugu ciwe c’amavukiro. Ashobora kandi kuba yarabwiye inkuru nziza umwamikazi be n’abari ku kirimba, bano bakaba bari abantu boronse uturyo duke cane two kwumva inkuru nziza.—Ibik. 8:26-39.
4. Twoshobora gute guha abagabo uturyo twinshi kuruta two kwumva inkuru nziza?
4 Ukuntu woganira n’abagabo benshi kuruta: Kubera yuko akenshi abagabo baba bari ku kazi ku murango, ubona wotunganya urutonde rwawe ku buryo urushiriza kumara umwanya munini mu busuku ku migoroba, mu mpera z’imishamvu, canke ku misi y’akaruhuko? Kwama ukorera mu cibare gikorerwamwo ivy’ubudandaji bizokuronsa utundi turyo two kubwira inkuru nziza abagabo badakunze kuboneka i muhira. Abavukanyi barashobora no kugira akigoro kadasanzwe ko kubwira inkuru nziza akaryo kizanye abantu b’igitsina-gabo bakorana. Mu busuku bw’inzu ku nzu, na canecane mu cibare usanga gikorerwamwo kenshi, abavukanyi boshobora rimwerimwe gusaba ko boganira na serugo.
5. Umuvukanyikazi akwiye kuvyifatamwo gute igihe hari umugabo abwiye ubutumwa bw’Ubwami akabwakira neza?
5 Igihe umuvukanyikazi ahuye n’umugabo akakira neza ukuri, ntakwiye gusubirayo kumugendera ari wenyene. Yoshobora kujana n’umunega wiwe canke n’uwundi mwamamaji. Uko uwo muntu yashimishijwe atera imbere, muri rusangi biraba vyiza cane aciye asaba umuvukanyi abishoboye ngo abe ari we abandanya kumugendera.
6. Twoshobora gute kwigana intumwa Paulo kugira ngo “[turonke] abantu benshi bashoboka”?
6 Nuhitemwo ibiganiro bishimisha abagabo: Intumwa Paulo yararimbura abamwumviriza maze agahuza uburyo yamamaza n’uko ivyabo vyifashe kugira ngo “[aronke] abantu benshi bashoboka.” (1 Kor. 9:19-23) Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kurimbura ibiganiro biboneka ko vyoshimisha abagabo twoshobora guhura maze tukitegura ari vyo twisunga. Nk’akarorero, akenshi usanga abagabo barajwe ishinga n’ingorane z’ivy’ubutunzi, ivy’intwaro ibereye be n’ivyo kwitwararika ukumererwa neza be n’umutekano w’imiryango yabo. Boshobora kandi gushimishwa n’ibijanye n’intumbero y’ubuzima, kazoza k’isi be n’igituma Imana ireka abantu bagacumukura. Ukuntu dushikiriza ubutumwa bw’Ubwami kuzorushiriza kwakirwa neza nitwagaragaza mwene ukwo gutahura mu buryo dukoresha.—Imig. 16:23.
7. Ni gute abagize ishengero bose boshobora kugira ikintu ciza bakoze ku banega batizera baba bitavye ikoraniro?
7 Niwibwirize gufasha abanega batizera: Naho ingeso nziza abavukanyikazi bacu bakirisu bagaragaza akenshi zigira ikintu gikomeye cane rwose zikoze ku banega babo batizera, abagize ishengero na bo nyene barashobora kugira ikintu ciza bagize kuri bo. (1 Pet. 3:1-4) Igihe umunega atizera azananye n’umukenyezi wiwe kw’ikoraniro, iyo abagize ishengero bamwakiranye igishika birashinga intahe ikomeye. Kuba ari ng’aho vyoshobora kwerekana ko ashimishwa ku rugero runaka n’ukuri, kandi yoshobora kuba afise umutima ukunze wo kwemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
8. Abavukanyi boshobora gute kugerageza gufasha abanega batizera bagaragaje ko hari ukuntu bashimishwa n’ukuri?
8 Ariko rero, abanega bamwebamwe usanga babanza kwerekana ko badashimishwa cane mugabo amaherezo bakaba boshobora kugira umutima ukunze wo kuganira kuri Bibiliya n’umuvukanyi baba biyumvamwo. Abavukanyi bo mw’ishengero rimwe baragize akigoro ko kuza baraganira gatoya n’umunega umwe ku bintu bari bazi ko bimushimisha igihe rimwe na rimwe baba bagendeye umuryango, uwo abawugize batasenga hamwe. Ivyo vyahavuye bituma bagirana ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya, kandi ubu yarabatijwe. Akandi karorero, umuvukanyi umwe yarafashije umunega atizera w’umutima mwiza kwubaka urugo rw’inzu yiwe. Kubera yuko yamugaragarije ko amwitwararitse muri ubwo buryo, inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura. (Gal. 6:10; Flp. 2:4) Nimba uri umuvukanyi mukirisu, ni kubera iki utogerageza gufasha umwe canke abarenga muri abo banega batizera?
9. Ni ibiki vyoshobora kuva mu kumenyereza abagabo bakirisu?
9 Numenyereze abagabo bakirisu ku bwa kazoza: Abagabo bakira neza ubutumwa bw’Ubwami maze bakarondera gukwiza ibisabwa kugira ngo baterwe uduteka mu murimo wa Yehova boshobora kuba mu “ngabirano z’abagabo,” ni ukuvuga abakurambere bakirisu bakoresha ubushobozi bwabo n’inguvu zabo ku bw’ineza y’amashengero y’abasavyi ba Yehova. (Ef. 4:8; Zab. 68:18) Mwene abo bagabo bararagira ishengero babigiranye umutima ukunze kandi babishashaye. (1 Pet. 5:2, 3) Ese ingene bacika umuhezagiro ku muryango wose w’abavukanyi!
10. Ni gute abantu benshi bungukiye ku twigoro Ananiya yagize mu gufasha Paulo?
10 Nk’akarorero, Sauli yaracitse “intumwa ku mahanga,” naho yari yahoze ari uwurwanya abakirisu. (Rom. 11:13) Ico ni co catumye umwigishwa Ananiya abanza kugonanwa kubwira Sauli inkuru nziza. Ariko rero, Ananiya yarakurikije ubuyobozi bw’Umukama maze araganiriza uwo mugabo yahavuye aba intumwa Paulo. Mu myaka n’iyindi yakurikiye, abantu ibihumbi bumvise Paulo yamamaza barungukiye ku busuku yaranguye tudasize inyuma abantu amamiliyoni bakibandanya kwungukira ku makete yiwe yahumetswe dusanga mw’Ijambo ry’Imana.—Ibik. 9:3-19; 2 Tim. 3:16, 17.
11. Ni kubera iki dukwiye guhindura ibikenewe vyose kugira ngo tubwire inkuru nziza abantu b’abagabo?
11 Ese rero twohindura ibikenewe vyose kugira ngo dutsinde urugamba rwo kubwira inkuru nziza abantu b’abagabo! Uko dukurikirana iyo ntumbero, turakurwa amazinda yuko Yehova azohezagira utwigoro dukomeye tugira kugira ngo dukore ivyo agomba no kugira ngo twitwararike neza ivyungura Ubwami.