Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 22 Munyonyo
INDWI ITANGURA KU WA 22 MUNYONYO
Ururirimbo rwa 6 (88)
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl ikig. 28 ing. 20-21 be n’uruzitiro ku rup. 289
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Ngoma 1-5
No. 1: 2 Ngoma 3:1-13
No. 2: Yehova azokwishimikiza iki mu guharira ivyaha vyakozwe imbere y’ubukirisu? (Rom. 3:24, 25)
No. 3: Inkuru ya wa mutunzi na Lazaro si ikimenyamenya c’uko hariho ukubabazwa ibihe bidahera (td 38C)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Ururirimbo rwa 103 (32)
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Ibitabu tuzoshikiriza muri Kigarama. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza. Nimurimbure ibiranga ivyo bitabu bizoshikirizwa, maze mugire umwerekano umwe canke ibiri yerekana ukuntu vyoshikirizwa.
Imin. 20: “Woba ushobora kwitwararika uwutizera yubakanye n’uwizera?” Ibibazo n’inyishu. Nubaze ibibazo umwamamaji yahoze ari umunega canke umukenyezi atizera yubakanye n’uwizera. Ishengero ryamufashije gute kugira ashimishwe n’ukuri?
Ururirimbo rwa 107 (53)