Bibiliya—Inkuru nyakuri n’ubuhanuzi bwo kwizigirwa
Ni ibimenyamenya ibihe vyerekana ko ibintu vyo muri kahise Bibiliya ivuga bitagiramwo amakosa? Ni ubuhanuzi ubuhe bwa Bibiliya bwarangutse budukura amazinda yuko ubuhanuzi bujanye na kazoza na bwo nyene buzoranguka? Ivyo bibazo birishurwa muri ya videwo ivuga ngo La Bible : un récit historique exact, des prophéties dignes de foi (Bibiliya—Inkuru nyakuri n’ubuhanuzi bwo kwizigirwa), kikaba ari igice kigira gatatu ca ya DVD ivuga ngo La Bible : un livre historique et prophétique (Bibiliya ni igitabu c’inkuru z’ukuri n’ubuhanuzi). Umaze kuraba iyo videwo, woba ushobora kwishura ibi bibazo?
(1) Ni nde Sôko ry’amakuru yo kwizigirwa ari muri Bibiliya? (Dan. 2:28) (2) Ni gute Bibiliya idondora Misiri ya kera mu buryo butarimwo agakosa, kandi ubuhanuzi buri muri Yesaya 19:3, 4 bwarangutse gute? (3) Ni gute itohoza ry’ivyacukuwe ryemeje uburyo Bibiliya idondora Abashuri, abami babo be n’iherezo rya Ashuri? (Nah. 3:1, 7, 13) (4) Ni ubuhanuzi ubuhe bwerekeye Babiloni bwagaragaye ko ari ubwo kwizigirwa? (Yer. 20:4; 50:38; 51:30) (5) Ni ubuhanuzi ubuhe bwerekeye Ubumedi n’Ubuperesi bwarangutse? (Yes. 44:28) (6) Ibivugwa muri Daniyeli 7:6 no muri Daniyeli 8:5, 8 vyarangutse gute ku bijanye n’Ubugiriki? (7) Ibivugwa muri Daniyeli 7:7 vyarangutse gute igihe Uburoma bwacika intwaro nganzasi? (8) Ni ba Sezari abahe bavugwa muri Bibiliya? (9) Ni ibiki vyashikiye abakirisu ku ngoma ya Nero? (10) Ubuhanuzi dusanga mu Vyahishuwe 13:11 no mu Vyahishuwe 17:10 bwarangutse gute? (11) Wa mwami agira umunani ni nde? (12) Ni hehe muri iyo videwo hagaragaza yuko mu Musiguzi 8:9 havuga ukuri? (13) Ni ubuhanuzi ubuhe bujanye na kazoza ushashaye kubona buranguka? (14) Ushobora gute kwifashisha iyi videwo kugira ngo ushwirure abandi yuko Bibiliya yakomotse ku Mana?