ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/9 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana buraganza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Bibiliya—Inkuru nyakuri n’ubuhanuzi bwo kwizigirwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Niwige ubuhanuzi bwo muri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 7
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/9 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ni kubera iki muri Bibiliya hari ubuhanuzi?

Yezu ariko aganira na bamwe mu ntumwa ziwe ku Musozi w’Imyelayo

Kubera iki bibiliya idondora ibintu biba muri iki gihe?​—Luka 21:10, 11.

Muri Bibiliya turahasanga amajambo menyeshakazoza menshi canke ubuhanuzi bwinshi. Nta muntu n’umwe yoshobora kuvuga ido n’ido ry’ibintu bizoba. Iranguka rero ry’ubuhanuzi buvugwa muri Bibiliya riradukura amazinda ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana.​—Soma Yosuwa 23:14; 2 Petero 1:20, 21.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bumaze kuranguka buratuma twizera Imana. (Abaheburayo 11:1) Buratuma kandi twizigira tudakeka ko ivyiza Imana yadusezeraniye bizoranguka. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya rero butuma tugira icizigiro ntakekeranywa.​—Soma Zaburi 37:29; Abaroma 15:4.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya budufasha gute?

Ubuhanuzi bumwebumwe buraburira abasavyi b’Imana bugatuma bagira ico bakoze. Nk’akarorero igihe abakirisu bo mu kinjana ca mbere babona iranguka ry’ubuhanuzi bumwebumwe baciye bava i Yeruzalemu. Mu nyuma igihe ico gisagara casangangurwa kubera abantu benshi baho batemeye Yezu, abo bakirisu bobo bari bibereye ahantu hatagira inkomanzi.​—Soma Luka 21:20-22.

Muri iki gihe, ubuhanuzi bumaze kuranguka burerekana ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho intwaro z’abantu. (Daniyeli 2:44; Luka 21:31) Ku bw’ivyo birihutirwa cane ko umuntu wese agira ico akoze kugira yemerwe n’Umwami Yezu Kristu, uwagenywe n’Imana.​—Soma Luka 21:34-36.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 2 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.jw.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika