Kwigira Kuri Videwo Yitwa La Bible: un récit historique exact, des prophéties dignes de foi
Umaze kuraba iyo videwo, woshobora kwishura ibi bibazo? (1) Ni nde Soko ry’amayagwa yo kwizigirwa yo muri Bibiliya? (Dan. 2:28) (2) Ni gute Bibiliya idondora mu buryo butarimwo agakosa Misiri ya kera, kandi ni gute ubuhanuzi bw’Imana buri muri Yesaya 19:3, 4 bwarangutse? (3) Ni gute itohoza ry’ivyacukuwe ryemeje uburyo Bibiliya idondora Abashuri, abami babo, be n’iherezo rya Ashuri? (Nah. 3:1, 7, 13) (4) Ni ubuhanuzi ubuhe bwerekeye Babuloni bwagaragaye ko ari ubwo kwizigirwa? (5) Ubumedi n’Ubuperesi bwagize ico bukoze giki ku basavyi b’Imana? (6) Daniyeli 8:5, 8 harangutse gute, kandi haciye igihe kingana gute ivyo vyarabuwe? (7) Igihe Uburoma bwategeka, ni gute Yezu yagaragaje ko yari Mesiya w’ukuri? (8) Ni izihe ntwaro nyabubasha za none zishitsa Ivyahishuwe 13:11 na 17:11? (9) Ni hehe muri iyo videwo hagaragaza yuko mu Musiguzi 8:9 havuga ukuri? (10) Ni gute ivyo wabonye vyakomeje ukwizera kwawe mu mihango Bibiliya itanga yerekeye kazoza? (11) Ushobora gute kwifashisha ico gikoresho kugira ngo ushwirure abandi yuko Bibiliya yakomotse ku Mana?