‘Ntibigutere ubwoba’
1. Ni ingorane izihe zisa n’iza Yeremiya twoshobora kugira?
1 Igihe Yeremiya yashingwa igikorwa co kuba umuhanuzi, yiyumvisemwo ko atabishoboye. Ariko Yehova yaramusubirije umutima mu nda ngo ntihagire ‘ikimutera ubwoba,’ yongera aramukomeza abigiranye ubuntu kugira ngo arangure igikorwa yari amushinze. (Yer. 1:6-10) Muri iki gihe cacu, amasoni canke ukwikengera vyoshobora kugira ico bikoze ku kuntu tugira uruhara mu busuku. Gutinya ukuntu abantu bovyakira canke botubona birashobora rimwe na rimwe gutuma dusuha. None ubwo bwoba twobutsinda gute, kandi ni imihezagiro iyihe tuzoharonkera?
2. Kwitegura bizodufasha gute kugabanya ubwoba mu bijanye n’ubusuku?
2 Niwitegure: Kwitegura neza birashobora kugabanya cane ubwoba twoba dufise. Nk’akarorero, dufashe umwanya tukihweza amajambo amwamwe abantu bashobora kuvuga yohava ahagarika ikiyago, tuzoba twiteguriye kwishura amajambo mwene ayo dukunze guhura na yo. (Imig. 15:28) Mubona gute mugize imyimenyerezo mu gihe c’Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo mwitegurire ibintu bitoroshe bitandukanye bihora bishika kw’ishure canke mu busuku?—1 Pet. 3:15.
3. Kwizigira Yehova bidufasha gute gutsinda ubwoba?
3 Niwizigire Yehova: Umuti nyawo udufasha gutsinda ubwoba ni ukwiheka ku Mana yacu. Yehova yasezeranye yuko azodufasha ata kabuza. (Yes. 41:10-13) None hari ikindi ga yemwe coza kidusubiriza umutima mu nda kuruta ico? N’ikindi kandi, Yezu yaraduhumurije atubwira yuko n’igihe hoshika ibintu tutari twiteze, impwemu nyeranda y’Imana izodufasha gushinga intahe mu buryo bwiza. (Mrk. 13:11) Niwame rero utakambira Yehova umusaba impwemu nyeranda yiwe.—Luka 11:13.
4. Ni imihezagiro iyihe twironkera mu kwumira kw’ibanga mu busuku naho tunyinyana n’ibintu bitoroshe?
4 Imihezagiro: Uko twumira kw’ibanga mu busuku naho tunyinyana n’ibintu bitoroshe, tuba turiko turaronka inkomezi zizodufasha gutsinda ibigeragezo muri kazoza. Turatsimbataza uburindutsi n’umutima rugabo, ivyo bikaba ari ibiranga abuzuzwa impwemu nyeranda. (Ivyak. 4:31) Vyongeye, uko dutsinda ubwoba dufise tubifashijwemwo na Yehova, turarushiriza kwizera no kwizigira ukuboko kwiwe gukiza. (Yes. 33:2) Turagira kandi umunezero n’ugushira akanyota biva ku kuba tuzi ko duhimbara Data wa twese wo mw’ijuru. (1 Pet. 4:13, 14) Nimuze rero ntidutinye gutangaza ubutumwa bw’Ubwami tubigiranye umutima rugabo, twizigiye nantaryo ko Yehova adufata mu mugongo!