Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 11 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 11 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 50 (89)
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Ngoma 5-7
No. 1: 1 Ngoma 6:31-47
No. 2: Ibanga abavyeyi bajejwe ku bana (td 37 C)
No. 3: Abantu badatunganye bashobora gute kuba beranda? (1 Pet. 1:16)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Ururirimbo rwa 81 (98)
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Ukwiye kwishura gute? Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 69, ingingo ya 1-5. Nimushiremwo umwerekano w’umutsimvyi yishura umutohoji wa Bibiliya abwirizwa kwifatira ingingo. Uwo mutohoji abaza umutsimvyi ati: “Ari wewe wokora iki?”
Imin. 10: Isuku ryo ku mubiri riraninahaza Imana. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, urupapuro rwa 137, ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 138, ingingo ya 3. Nusabe abumviriza bigane ukuntu bakozwe ku mutima bakaza mu kuri babonye uburyo Ivyabona vya Yehova bari isuku, baboneka neza, bambara bakongera bakitunganya rupfasoni.
Imin. 10: “Ntibigutere ubwoba.” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 67 (161)