Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 28 Ruheshi
INDWI ITANGURA KU WA 28 RUHESHI
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abami 3-6
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 3: Amatangazo.
Imin. 25: “Amahwaniro y’intara ni igihe c’ugusenga giteye umunezero.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Mwisunze umwanya mufise uko ungana, nimuganire ku vyibukijwe mubona ko bihambaye vyo mu kiganiro kivuga ngo “Ivyibukijwe ku vyerekeye ihwaniro ry’intara” kiri ku rupapuro rwa 4.
Imin. 7: Yamenyerejwe kuva mu buhinja. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Timoteyo yari azwi ko ari umwamamaji w’Injili w’umunyamwete kandi w’umuhanga. (Flp. 2:20-22) Ku rugero runaka, ivyo vyavuye ku mushinge wo mu vy’impwemu yaronkejwe na nyina be na inakuru kuva igihe yari akiri uruhinja. (2 Tim. 1:5; 3:15) Ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe bikurikira bizofasha abavyeyi kumenyereza abana babo kugira ngo babe abamamaji b’Injili beza. Nimushimike kuri bibiri muri ivyo vyiyumviro mubona ko bihuje cane n’ivyo mukeneye. (1) Nujane n’umwana wawe mu busuku kare bishoboka; numumenyereze kubugiramwo uruhara wisunze imyaka afise be n’ubushobozi bwiwe. (Imig. 22:6) (2) Nutange akarorero keza mu gushira ubusuku mu kibanza ca mbere. (Flp. 1:9, 10) (3) Mu kiringo c’Ugusenga kwo mu muryango be no mu bindi bihe, numutsimbatazemwo gukunda no guha agaciro igikorwa co kwamamaza. (Gus. 6:6, 7) (4) Niwerekane ko ubona ubusuku neza mu nyifato yawe no mu mvugo yawe. (Flp. 3:8; 4:8; 1 Tim. 1:12) (5) Nimugire uruhara mu busuku mudahorereza uko mugize umuryango, ubusuku mubugire ikintu mwama mwakoze. (Ibik. 5:41, 42) (6) Nimwifatanye n’abasuku b’abanyamwete. (Imig. 13:20) Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku bintu kanaka abavyeyi babo babafashije kugira ngo ubusuku bwabo butume bahimbarwa kandi bugire ico buvamwo.