Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 24 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 24 RUSAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 13-15
No. 1: 2 Samweli 13:23-33
No. 2: Ubwami bw’Imana ntibuza biciye ku twigoro tw’abantu (td 30C)
No. 3: Igituma tudakwiye gukoresha isi rwose (1 Kor. 7:31)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza ibinyamakuru muri Ruheshi. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nufate umunuta umwe canke ibiri uvuge ibiri muri ivyo binyamakuru. Nuce uhitamwo ibiganiro bibiri canke bitatu hanyuma usabe abumviriza bavuge ibibazo be n’ivyanditswe vyoshobora gukoreshwa mu gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimugire umwerekano w’ukuntu kimwekimwe cose muri vyo coshobora gushikirizwa.
Imin. 20: “Urazi ko woshobora kuba umutsimvyi!” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.