ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/10 rup. 2
  • Abasuku bakirisu barakeneye gusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasuku bakirisu barakeneye gusenga
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nuhe agaciro agateka ufise ko gutura isengesho
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 5/10 rup. 2

Abasuku bakirisu barakeneye gusenga

1. Hakenewe iki kugira ngo turangure ubusuku bwacu?

1 Ntidushobora kurangura ubusuku biciye ku bushobozi bwacu. Yehova ni we aduha inkomezi zo gukora ico gikorwa. (Flp. 4:13) Arakoresha abamarayika biwe kugira ngo badufashe kuronka abantu bameze nk’intama. (Ivyah. 14:6, 7) Yehova ni we akuza imbuto z’ukuri tubiba tukongera tukavomera. (1 Kor. 3:6, 9) Ese ukuntu bihambaye ko abasuku bakirisu biheka kuri Data wa twese wo mw’ijuru biciye kw’isengesho!

2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe twoshira mw’isengesho?

2 Gusenga twisabira: Turakwiye gutura isengesho igihe cose twamamaza. (Ef. 6:18) Ni ibintu bimwebimwe ibihe twoshira muri iryo sengesho? Twoshobora gusenga kugira ngo tubone icibare cacu mu buryo bwiza no kugira ngo tugire ubutinyutsi. (Ibik. 4:29) Twoshobora gusaba Yehova ngo aturongore ku bantu b’umutima ugororotse twoshobora kwigana Bibiliya. Igihe uwo turiko turabwira inkuru nziza atubajije ikibazo, turashobora gutura isengesho rigufi mu mutima dusaba Yehova ngo adufashe gutanga inyishu ibereye. (Neh. 2:4) Twoshobora kandi gusaba ubukerebutsi bwodufasha kugumiza ubusuku mu kibanza ca mbere. (Yak. 1:5) Ikindi kandi, Yehova arahimbarwa igihe dushizemwo amajambo agaragaza ko dukenguruka agateka yaduteye ko kuba abasuku biwe.—Kol. 3:15.

3. Gusenga dusabira abandi bifasha gute guteza imbere igikorwa co kwamamaza?

3 Gusenga dusabira abandi: Turakwiye kandi ‘gusengeranira’ tukanavuga mu mazina abasuku bagenzi bacu igihe biba bibereye. (Yak. 5:16; Ibik. 12:5) Mbega amagara make yoba atuma udashobora gukora vyinshi mu gikorwa co kwamamaza? Nusenge rero usabira abasuku bagenzawe bafise amagara meza. Ntiwigere ufatira mu rwara ububasha bw’amasengesho utura ubasabira! Birabereye kandi ko usenga usabira abategetsi kugira ngo ntibarwanye igikorwa co kwamamaza, maze abavukanyi bacu “[ba]bandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro.”—1 Tim. 2:1, 2.

4. Ni kubera iki twoshishikara gusenga?

4 Kuvuga inkuru nziza kw’isi yose, ubiravye ni igikorwa kiturengeye. Ariko ‘nitwashishikara gusenga,’ tuzoshobora kurangura ico gikorwa dufashwe mu mugongo na Yehova.—Rom. 12:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika