Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 17 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 17 RUSAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 2 Samweli 9-12
No. 1: 2 Samweli 10:1-12
No. 2: Ni kubera iki Yezu yashingira inyigisho ziwe ku Vyanditswe? (Yoh. 7:16-18)
No. 3: Ubwami butangura kuganza mu gihe abansi ba Kristu bakiriho (td 30B)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Woba ushobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha? Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Nimwihweze muri make ibisabwa biri ku rupapuro rwa 112-113 mu gitabu Twagizwe ishirahamwe. Nusabe abafashe ikonji kugira bakore ubutsimvyi bwo gufasha canke abanyeshure babukoze mu buruhuko, bavuge imihezagiro bironkeye.
Imin. 10: Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza—Gushinga intahe akaryo kizanye. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 101 ingingo ya 2, gushika ku rupapuro rwa 102 ingingo ya 2. Nihagire umuntu umwe canke babiri bavuga ibintu bishimishije cane biboneye aho iwanyu igihe bariko baramamaza akaryo kizanye, canke babigirire umwerekano.
Imin. 10: “Abasuku bakirisu barakeneye gusenga.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.