Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 5 Ndamukiza
INDWI ITANGURA KU WA 5 NDAMUKIZA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Samweli 16-18
No. 1: 1 Samweli 18:1-16
No. 2: Umuntu nta kintu kidapfa afise muri we (td 28A)
No. 3: Ni kubera iki dukwiye gukurikirana inzira y’ubwakiranyi? (Rom. 12:13)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 20: “Woba witeguriye guhangana n’ingorane z’ivy’ubuvuzi zotuma ukwizera kwawe kugeragezwa?” Insiguro be n’ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza bishingiye ku mayagwa ari mu nyongera, ing. 20-34. Niwibutse abamamaji kubika iyo nyongera aho boshobora kuyitora bitagoranye igihe bikenewe.
Imin. 10: Dusubire kugendera abashimishijwe bitavye Icibutso. Insiguro. Numenyeshe igitigiri c’abitavye Icibutso be n’ivyabonywe bijanye na co. Nuremeshe bose gusubira kugendera abashimishijwe bitavye Icibutso no kwishingira umugambi wo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Barakwiye kandi kubatumira ku nsiguro idasanzwe yimirije. Nimushiremwo n’umwerekano w’umuntu ariko aragira ico kintu.