ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/10 rup. 8
  • Amatangazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amatangazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 3/10 rup. 8

Amatangazo

◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ntwarante: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Abamamaji bakwiye kuguma biyumvira gutanguza inyigisho ya Bibiliya aho batanze ico gitabu canke aho abanyamuhana baba bamaze kukironka. Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubiye kuraba abashimishijwe, harimwo n’abitavye Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi ariko bakaba batifatanya n’ishengero, nimwibande cane ku gushikiriza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Intumbero ikwiye kuba ari iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

◼ Mukimara kuronka inomero nshasha z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, ivyo binyamakuru bikwiye guca bihabwa abamamaji, kugira bamenye ibiri muri vyo imbere y’uko babishikiriza mu murimo wo mu ndimiro.

◼ Icibutso co mu 2010 kizoba ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30 Ntwarante. Nimba ishengero ryanyu risanzwe rigira amakoraniro ku wa kabiri, bizosaba ko mwigora mukayagira ku wundi musi wo muri iyo ndwi. Aho Ingoro y’Ubwami usanga ikoreshwa n’amashengero menshi kandi amakoraniro akaba adashobora guhindurwa, ayo makoraniro yoshobora kutaba. Ibiganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo vyerekeye cane ishengero ryanyu vyoshobora gusobekwa mu rindi Koraniro ry’umurimo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika