Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 21 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 21 KIGARAMA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
lv ikig. 14 ing. 10-14, uruzitiro ruri ku rup. 164-165, amayagwa y’inyongera ari ku rup. 222-223
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Yosuwa 9-11
No. 1: Yosuwa 9:1-15
No. 2: Ingene dushobora kumenya ko Harumagedoni iri hafi (lr ikig. 47)
No. 3: Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro? (lr ikig. 48)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 15: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Nimugire umwerekano werekana ukuntu umuhagarikizi w’umugwi munaka yereka umwamamaji akiri muto uburyo we azokoresha mu gushikiriza ikinyamakuru maze avuge igituma yahisemwo ubwo buryo yongere avuge ikibazo be n’ivyanditswe azokoresha. Uwo mwamamaji akiri muto aravuga ko yari afise mu muzirikanyi ubundi buryo bwo gushikiriza ico kinyamakuru ariko ko akeneye uwomufasha kuburyohora. Bakoresheje ikiganiro uwo mwamamaji akiri muto yari afise mu muzirikanyi, barategura ikibazo bakongera bagahitamwo ivyanditswe azokoresha.
Imin. 15: “ ‘Nuhe ubuzima bwawe’ abo wigisha Bibiliya.” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Mumaze kurimbura ingingo ya 2, nubaze ibibazo umwamamaji munaka ku bijanye n’uburyo ngirakamaro yihatira gukoresha kugira ngo yerekane ko yitwararika abo yigisha Bibiliya. Ivyo vyavuyemwo iki? Nubaze kandi ibibazo umwamamaji yungukiye ku kuntu uwamwigishije Bibiliya yamwitwararitse.