‘Nuhe ubuzima bwawe’ abo wigisha Bibiliya
1. Ni igiki gisabwa kugira ngo dufashe umutohoji wa Bibiliya?
1 Kugira ngo dufashe umutohoji wa Bibiliya gushika aho yiyegura, hari n’ibindi bisabwa uretse gusa kumuyoborera inyigisho ya Bibiliya idahorereza. Ubucuti intumwa Paulo yari afitaniye n’abo yigisha, yabugereranije n’ubw’umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe. Na twebwe nyene turahimbarwa no gutanga “ubuzima bwacu bwite” kugira ngo dufashe abo twigisha Bibiliya gukura mu buryo bw’impwemu.—1 Tes. 2:7-9.
2. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika abo twigisha Bibiliya, kandi ivyo twobigira gute?
2 Numwitwararike: Uko umutohoji wa Bibiliya ashira mu ngiro ivyo yiga, ni ko ijwi ryiwe ryo mu mutima rimubuza kubandanya yifatanya cane n’abantu batisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (1 Pet. 4:4) Umuryango wiwe woshobora kumuharira ivomo. (Mat. 10:34-36) Tumwitwararitse mu buryo buranga igishika, turashobora kumufasha kwuzuza aho yumva ko hari ico abuze mu vy’akanyengetera. Umumisiyonari umwe azi utuntu n’utundi atanga impanuro igira iti: “Ntiwihutire kugenda igihe muhejeje kwiga. Nimba bibereye, nugumeho maze muyage gatoyi.” Niwitegurire guha uwo wigisha Bibiliya imfashanyo ngirakamaro. Nk’akarorero, woba woshobora kumuterefona canke kumugendera igihe arwaye? Woba ushobora kwicarana n’uwo mutohoji ku makoraniro, maze ukamufasha kwitwararika abana nimba bibereye?
3. Dushobora gute gufasha uwo twigisha Bibiliya kugira ngo aremeshwe n’ishengero?
3 Imfashanyo y’ishengero: Nimba uriko ukorera ubusuku hafi y’aho uwo wigisha Bibiliya aba, ni kubera iki utohaca gatoyi kugira ngo umumenyeshe abo muri kumwe mu murimo? Igihe bibereye, nuze urasaba abamamaji batandukanye, harimwo n’abakurambere, mujane kuri iyo nyigisho. N’ikindi kandi, inyigisho ikimara gutsimbatara, nuremeshe uwo wigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Ivyo bizotuma ashobora kuryoherwa no kwifatanya mu buryo bwubaka n’abagize ishengero, aboshobora gucika umuryango wiwe wo mu buryo bw’impwemu.—Mrk. 10:29, 30; Heb. 10:24, 25.
4. Umwete tugaragaza woshobora gute kuvamwo ivyiza?
4 Umuvyeyi afasha abana biwe mu buryo bw’impwemu adatezura, arahimbarwa cane igihe bagiye ku ruhande rwa Yehova maze bakagendera mu kuri. (3 Yoh. 4) Turashobora kugira umunezero nk’uwo igihe dutanze ubuzima bwacu kugira ngo dufashe abo twigisha Bibiliya.