Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 14 Nyakanga
INDWI ITANGURA KU WA 14 NYAKANGA
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Guharūra 26-29
No. 1: Guharūra 27:1-14
No. 2: Kuyobora ivyiyumviro bisobanura iki, kandi ni kubera iki bihambaye? (Ef. 6:4)
No. 3: Yezu arashobora kudukingira (lr ikig. 33)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Kugira amasubirayo. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku ngingo zitatu ziri munsi y’agatwe kari ku rupapuro rwa 96 mu gitabu Twagizwe ishirahamwe. Nimushiremwo umwerekano w’ingene umuntu yemeye igisohokayandikiro gishikirizwa muri uku kwezi yosubira kugenderwa.
Imin. 10: Gutanguza inyigisho za Bibiliya. Nuvuge ivyabonywe canke usabe abamamaji bavuge ivyaranguwe aho iwanyu igihe bari mu gikorwa co gusaba abantu ko bobagirira inyigisho za Bibiliya kuri wa musi ugenewe ico gikorwa kidasanzwe. Hakoreshejwe igisohokayandikiro gishikirizwa muri Nyakanga, nimushiremwo umwerekano w’ingene inyigisho ya Bibiliya yoshobora gutanguzwa igihe umuntu agendewe ari bwo bwa mbere.
Imin. 10: “Uzokwishura gute?” Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.