Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 31 Myandagaro 2009. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20, rishingiye ku mayagwa yahetuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva ku ndwi itangura ku wa 6 Mukakaro gushika ku ndwi itangura ku wa 31 Myandagaro 2009.
1. Ni kubera iki vyategetswe ko umuntu uwo ari we wese ‘avumye’ abavyeyi biwe ahabwa igihano co gupfa? (Lew. 20:9) [w04 15/5 rup. 24 ing. 6]
2. Ko Abisirayeli b’igitsina-gabo bose basabwa kuba ari ho bari mu gihe c’Umusi mukuru w’imitsima itambiwe, ni bande none bimbura imishuzo ya sayiri yatangwako ishikanwa? (Lew. 23:5, 11) [w07 15/7 rup. 26 ing. 3]
3. Umwaka wa Yubile ugereranya iki? (Lew. 25:10, 11) [w04 15/7 rup. 26-27]
4. ‘Utubendera’ tuvugwa mu Guharūra 2:2, hoba hari insobanuro ijanye n’ivy’ugusenga twari dufise ku Bisirayeli? [w02 15/9 rup. 21 ing. 4]
5. Ni agatima akahe abamamaji b’Ubwami b’igihe cose bagaragaza muri iki gihe gasa n’ako Abanaziri bo muri Isirayeli ya kera bagaragaje? (Guh. 6:3, 5, 6) [w04 1/8 rup. 24-25]
6. Ni ingingo ngenderwako iyihe iri mw’itegeko rijanye n’ugukukuruka kw’Umulewi ishobora gukora ku bijanye n’abasavyi ba Yehova muri iki gihe? (Guh. 8:25, 26) [w04 1/8 rup. 25 ing. 1]
7. Vyagenze gute ngo Abisirayeli batangure guserura “ivyipfuzo bikomeye vy’ubwikunzi,” kandi abakirisu bahakura icigwa ikihe muri iki gihe? (Guh. 11:4, NW) [w01 1/7 rup. 10; w95-F 1/3 rup. 15 ing. 10]
8. Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyashikiye Miriyamu ku bijanye no kwidodomba? (Guh. 12:9-15) [w02 15/11 rup. 16-17 ing. 9, 10]
9. Kalebu yagaragaje gute ko yari yizigiye Imana? Dushobora kumwigana gute? (Guh. 14:9) [w08 15/2 rup. 5 ing. 11-13]
10. Ni akarorero ko kutuburira akahe dukura mu Guharūra 21:5? [w06 15/7 rup. 15 ing. 5-7]