Amatangazo
◼ Ibisohokayandikiro vyo gushikiriza muri Ndamukiza na Rusama: Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Igihe musubira kugendera abashimishijwe, harimwo n’abahora bitaba Icibutso canke ayandi maporogarama ya gitewokarasi mugabo bakaba batifatanya n’ishengero bimwe biboneka, murihatire gushikiriza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Intumbero ikwiye kuba ari iyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya. Ruheshi: Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Nimba abo usanze ku muhana baramaze kuronka ico gitabu, abamamaji barashobora gushikiriza igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri, igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, canke agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?. Mukakaro na Myandagaro: Abamamaji boshobora gukoresha agatabu ako ari ko kose k’impapuro 32 kari mu bubiko.
◼ Inomero nshasha z’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! zikwiye guca zitangwa zikimara kuboneka. Ivyo bizotuma abamamaji bamenya ibiri muri izo nomero imbere yo kuzishikiriza mu murimo wo mu ndimiro.
◼ Hazogirwa akigoro kadasanzwe ko gutangaza ihwaniro ry’intara be n’ihwaniro mpuzamakungu yo mu 2009 azoba hirya no hino kw’isi. Abamamaji bazoba bafise akaryo ko gutanga mu turere twabo udupapuro tw’ubutumire tudasanzwe. Iryo sekeza rikwiye kugirwa hasigaye indwi zitatu ngo ihwaniro ishengero ryanyu rizokwitaba rigere.