Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 26 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 26 NZERO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 166 ing. 20–rup. 170 ing. 4 be n’uruzitiro
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 17-20
No. 1: Itanguriro 17:1-17
No. 2: Impwemu nyeranda ni iki? (td 15A)
No. 3: Imana irafise izina (lr ikig. 4)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 10: Twitegurire gushikiriza Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero be na Réveillez-vous! yo muri Nzero. Ikiganiro co guhana ijambo n’abumviriza. Umaze guca irya n’ino muri make ibiri muri ivyo binyamakuru, nubaze abumviriza bavuge ibiganiro vyoshobora guhimbara abantu bo mu cibare be n’igituma babona ko vyobahimbara. Ukoresheje bimwebimwe muri ivyo biganiro, nusabe abumviriza bavuge ikibazo boshobora gukoresha kugira ngo batanguze ikiyago, bace bavuga n’icanditswe co muri ico kiganiro boca basoma imbere yo gushikiriza ivyo binyamakuru. Nimusozere mugira umwerekano w’ukuntu kimwe cose muri ivyo binyamakuru coshikirizwa mukoresheje uburyo bwo kubishikiriza bwerekanywe ku rupapuro rwa 4 canke ubundi buryo bwavuzwe n’abumviriza.
Imin. 20: “Woba uzi uburyo wohitamwo?”a Ikiganiro gishikirizwa n’umukurambere. Mu gusozera, soma ingingo ya nyuma. Aho ayo mavidewo ataboneka, hazokwihwezwa “Ibibazo vy’abasomyi” biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 be n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000 canke ikiganiro kivuga ngo “Woba Ugabirije Guhangana n’Ingorane z’Ivy’Ukuvurwa Zotuma Ukwizera Kwawe Kugeragezwa?” co mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 1991.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.