Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 19 Nzero
INDWI ITANGURA KU WA 19 NZERO
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
cl rup. 161 ing. 12–rup. 165 ing. 19
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Itanguriro 11-16
No. 1: Itanguriro 14:1-16
No. 2: Uwaremye ibintu vyose (lr ikig. 3)
No. 3: Yehova atubumbabumba gute? (Yes. 64:8)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa dukorera Ubwami.
Imin. 10: Tinya Imana y’ukuri, witondere ivyagezwe na yo. Insiguro irimwo igishika ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku gitabu c’Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 272, ingingo ya 1-4.
Imin. 10: Ibitabu vyo gutanga muri Ruhuhuma. Nimwihweze muri make ibiri muri ivyo bitabu, maze mugire umwerekano umwe canke ibiri yerekana ukuntu vyoshikirizwa.
Imin. 10: “ ‘Mwigumize mu rukundo rw’Imana.’ ”a Nushire ahabona imice idasanzwe y’ico gitabu. Nuremeshe bose kwitaba iryo koraniro badahorereza no kugira uruhara bimwe bishitse mu gutanga insasanuro.
[Akajambo k’epfo]
a Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hanyuma hakurikire ikiganiro c’ibibazo n’inyishu.