Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Git.
“Nta gihe birashika ukibwira uti: ‘Ese iyo menya sinkore ibintu gutya!’? [Rindira yishure.] Ehe raba ivyo iki canditswe kivuga ku bijanye n’igituma rimwe na rimwe bishika twese tukagira amahitamwo atuma twicuza mu nyuma. [Soma Yeremiya 10:23.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu impanuro ngirakimazi dusanga muri Bibiliya zidufasha kugira amahitamwo meza”.
Réveillez-vous! Git.
“Woba wibaza ko abana bageramiwe cane muri iki gihe kuruta muri kahise? [Rindira yishure.] Abantu benshi babona ko tubayeho mu gihe kivugwa ngaha. [Soma 2 Timoteyo 3:1-5.] Iki kinyamakuru kiratanga inama ngirakamaro z’ukuntu abavyeyi bashobora gukingira abana babo aborondera kubahumbisha”.
Umunara w’Inderetsi 15 Git.
“Abantu benshi babona ko umuntu adashobora kumenya uko ibintu bizogenda muri kazoza, ku buryo bibaza ko bakwiye kubaho biyumvira ivy’uno musi gusa. Weho uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Ehe raba amajambo ashimishije Yezu yavuze. [Soma Matayo 6:34.] Iki kinyamakuru kirasigura ukuntu dushobora gutegekanya ibintu ku bwa kazoza, ariko kandi tukirinda ntikaduhagarike umutima bidakenewe”.
Réveillez-vous! Git.
“Twese turamaze kubura abacu. Woba wibaza ko bariko baratwitegereza bari mw’ijuru? [Rindira yishure.] Raba ivyo Yezu yavuze igihe Lazaro yapfa. [Soma Yohani 11:11.] Iki kiganiro kirasigura nimba abapfuye hari ahantu kanaka bari ari bazima canke nimba basinziriye barindiriye izuka”. Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.