ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/07 rup. 1
  • Dutegerezwa kuguma dufise umwete mu busuku

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dutegerezwa kuguma dufise umwete mu busuku
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • “Mururumbe impwemu”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Muri iki kiringo c’Icibutso, woba uzokwigana umwete wa Yehova na Yezu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Nugume ufise umwete mu busuku
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Woba uriko urakurikira Kristu bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 12/07 rup. 1

Dutegerezwa kuguma dufise umwete mu busuku

1 Ku mwaka ku mwaka, kuva mu 1992, Ivyabona vya Yehova baramara amasaha arenga umuliyaridi bakora igikorwa kirangurirwa kw’isi yose co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa babigiranye umwete. Ese ukuntu duhimbarwa no kuba hari ico twaterereye gitoya kuri ico kintu ciza igitangaza cashitsweko!—Mat. 28:19, 20.

2 Ariko ntiwumve, Yehova ni we akwiye gushimirwa no gushemezwa, we adushigikira mu busuku turangura muri ibi “bihe bitoroshe” (2 Tim. 3:1). None dusabwa iki nimba dushaka kubandanya kugira uruhara muri ico gikorwa gihambaye tubigiranye umwete?

3 Igituma tugira umwete: Urukundo rushika kure dukunda Imana na bagenzi bacu be n’icipfuzo kivuye ku mutima dufise co kubaho twisunga ukwiyegura kwacu, biratuvyurira umutima wo gukora umurimo w’Ubwami (Mat. 22:37-39; 1 Yoh. 5:3). Urukundo ruratuvyurira umutima wo kugira ivyo duhevye kugira ngo tugire uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza.—Luka 9:23.

4 Tugire akigoro ko kuguma dufise umwete: Wa mwansi wacu ari we Mubesheranyi arakora uko ashoboye kwose kugira agabanye umwete dufise mu busuku. Ukutanegwa inkuru nziza kw’abo dusanga mu cibare, ibintu bisamaza vyo muri ino si, imikazo yo mu buzima bwa misi yose be n’ukurazwa ishinga n’ukuntu amagara yacu agenda aramera nabi, ni bikeya gusa mu bintu akoresha arondera kuduca intege.

5 Ku bw’ivyo, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugume dufise umwete. Birahambaye ko dutsimbataza “urukundo [twari dufise] ubwa mbere”. Ivyo bisaba gusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya no kurizirikanako tudahorereza be no kwungukira ku ntunganyo zose zo mu vy’impwemu zashizweho na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”.—Ivyah. 2:4; Mat. 24:45; Zab. 119:97.

6 Nk’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvyerekana mu buryo butomoye, umusi wa Yehova wo gusangangura abantu batibanga Imana uriko uregereza wihuta (2 Pet. 2:3; 3:10). Dufise ivyo mu muzirikanyi mu buryo butomoye, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira tugume dufise umwete mu busuku, mu kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa kiriko kirakorwa muri iki gihe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika