Urutonde rw’ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2008
IBIKURIKIZWA
Mu mwaka wa 2008 ibikurikira ni vyo biringanijwe ngo bizokurikizwe igihe Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rizoba ririko rirarongorwa.
ISOKO RY’AMAYAGWA: Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki [bi7], Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi [be], “Icanditswe cose” ni ic’ukuri kandi ni ngirakamaro [bsi08-1, bsi08-2] na “Imitwe yo kuganirako ishingiye kuri Bibiliya”, nk’uko iri mu Mpinduro y’isi nshasha [td].
Ishure rikwiye gutangura KU GIHE, rigatangurwa n’ururirimbo, isengesho be n’amajambo magufi y’ikaze, maze rigaca ribandanya nk’uko vyerekanywe aha hepfo. Ikiganiro kimwekimwe cose kirangiye, umucungezi w’ishure azoha ikaze uwushikiriza ikiganiro gikurikira.
KAMERE Y’IVY’UKUVUGA: Iminuta 5. Umucungezi w’ishure, umuhanuzi w’inyongera canke uwundi mukurambere abishoboye azoca irya n’ino kamere y’ivy’ukuvuga ishingiye ku gitabu c’Ishure ry’Ubusuku (Mu mashengero afise abakurambere bakeyi, abakozi b’ishengero babishoboye boshobora gukoreshwa.).
IKIGANIRO NO. 1: Iminuta 10. Ico gikwiye gushikirizwa n’umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye, kikazoba gishimikiye ku gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi canke ku gatabu “Icanditswe cose” ni ic’ukuri kandi ni ngirakamaro. Ico kiganiro gikwiye gushikirizwa nk’insiguro ncishabwenge y’iminuta cumi ata kwirirwa harabazwa ibibazo vy’isubiramwo. Intumbero ntikwiye gusa kuba iyo guhetura ayo mayagwa, mugabo ikwiye no kuba iyo gukwegera ivyiyumviro vy’abantu ku gaciro ngirakimazi k’amakuru ariko ararimburwa, hagashimikwa ku vyorushiriza gufasha ishengero. Umutwe-shimikiro werekanywe ni wo ukwiye gukoreshwa. Vyitezwe yuko abavukanyi bashingwa iyo nsiguro biyubara ntibarenze umwanya. Impanuro zo mu mwiherero zoshobora gutangwa mu gihe bikenewe.
IVYIYUMVIRO BIKURUBIKURU VYO MU GISOMWA CA BIBILIYA: Iminuta 10. Mu minuta itanu ya mbere, umukurambere abishoboye canke umukozi w’ishengero abishoboye akwiye gushikiriza ayo mayagwa mu buryo bugirira akamaro ishengero. Yoshobora kugira ico avuze ku gihimba ico ari co cose c’igisomwa ca Bibiliya catanzwe muri iyo ndwi. Ivyo ntibikwiye kuba gusa incamake y’igisomwa catanzwe. Intumbero nyamukuru ni iyo gufasha abumviriza gutahura igituma be n’ukuntu ayo mayagwa ari ay’agaciro. Umushikirizansiguro akwiye kwiyubara ntarenze ya minuta itanu yagenewe igice gitangura. Akwiye kuraba neza ko asigaza iminuta itanu yo guhana ijambo n’abumviriza. Akwiye gusaba abumviriza gutanga insasanuro ngufingufi (amasegunda 30 canke adashika) ku vyiyumviro vyabashimishije mu gisomwa ca Bibiliya be n’akamaro vyabagiriye. Umucungezi w’ishure azoca arungika abanyeshure bagenewe kuja mu yandi masomero.
IKIGANIRO NO. 2: Iminuta 4 canke idashika. Ico ni igisomwa gishikirizwa n’umuvukanyi. Umunyeshure akwiye gusoma amayagwa yatanzwe atarinze gushikiriza intangamarara canke insozero. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane gufasha abanyeshure gusoma batahura ivyo basoma, kuvuga borohewe, gushimika mu buryo bubereye, guhindagura ijwi, kuruhuka mu buryo bubereye be no kumera uko basanzwe bameze.
IKIGANIRO NO. 3: Iminuta 5. Ico kizoshingwa umuvukanyikazi. Abavukanyikazi bashingwa ico kiganiro bazohabwa ikiringo bafatirako canke batore kimwe mu bitondetse ku rupapuro rwa 82 mu gitabu Ishure ry’Ubusuku. Umunyeshure akwiye gukoresha umutwe-shimikiro watanzwe kandi akawerekeza ku muce munaka w’umurimo wo mu ndimiro, akabigira mu buryo bwerekana ibintu bibaho koko kandi ngirakamaro mu cibare canyu. Igihe haterekanywe aho umunyeshure yokura amayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ico kiganiro mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu. Abanyeshure bashasha bakwiye guhabwa ibiganiro bifise amarabiro. Umucungezi w’ishure azokwitwararika canecane uburyo umunyeshure aca irya n’ino ayo mayagwa be n’uburyo afasha uwo asanze ku muhana kuzirikana ku Vyanditswe no gutahura ivyiyumviro nyamukuru vy’ico kiganiro. Umucungezi w’ishure azogena umufasha umwe.
IKIGANIRO NO. 4: Iminuta 5. Umunyeshure akwiye guca irya n’ino umutwe-shimikiro watanzwe. Igihe haterekanywe aho umunyeshure akura amayagwa, azokenera gutororokanya amayagwa akoresha ku bw’ico kiganiro mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu. Igihe ico kiganiro gishinzwe umuvukanyi, gikwiye gushikirizwa nk’insiguro, akagishikiriza afise mu muzirikanyi abari mu Ngoro y’Ubwami. Igihe gishinzwe umuvukanyikazi, gikwiye kwama gishikirizwa nk’uko vyerekanywe ku kiganiro No. 3. Umucungezi w’ishure yoshobora guha umuvukanyi ikiganiro No. 4 igihe cose abona ko bibereye. Muramenye yuko imitwe y’ibiganiro iriko akanyenyeri ikwiye kwama ishingwa abavukanyi bakayishikiriza bwa nsiguro. Nimba mw’ishengero hari abakurambere be n’abakozi b’ishengero benshi bashikiriza ibiganiro bitandukanye mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no mw’Ikoraniro ry’umurimo, ico gihe vyoba vyiza ibiganiro biriko akanyenyeri bishinzwe umukurambere canke umukozi w’ishengero igihe cose bishoboka.
IMPANURO: Umunuta 1. Umucungezi w’ishure ntazomenyesha imbere y’igihe kamere y’ivy’ukuvuga umunyeshure ariko arakorerako. Inyuma y’ikiganiro No. 2, No. 3, na No. 4, umucungezi w’ishure azokeza umunyeshure ku muce munaka w’insiguro yakozeko neza. Intumbero yiwe si iyo gupfa kuvuga ngo “wakoze neza”, ahubwo riho ni iyo kwerekana imvo zitomoye zatumye uwo muce ujanye no gushikiriza insiguro ushika ku ntumbero yawo. Hakurikijwe ivyo umunyeshure wese akeneye, izindi mpanuro zubaka zoshobora gutangirwa mu mwiherero ikoraniro rirangiye canke ikindi gihe.
UMWANYA: Nta nsiguro n’imwe ikwiye kurenza umwanya canke ngo amajambo y’umuhanuzi awurenze. Ibiganiro bihera ku No. 2 gushika ku ya 4 bikwiye guhagarikwa bigiranywe ubugenge igihe umwanya wabigenewe urangiye. Mu gihe abavukanyi bashikiriza insiguro itangura ishingiye kuri kamere y’ivy’ukuvuga, ku kiganiro No. 1 canke ku vyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya barengeje umwanya, bakwiye guhabwa impanuro mu mwiherero. Bose bakwiye kutarenza umwanya. Porogarama yose hamwe izomara iminuta 45, hatarimwo ururirimbo n’isengesho.
URUKARATASI RW’IMPANURO: Ruri mu gitabu.
UMUHANUZI W’INYONGERA: Inama y’abakurambere yoshobora gutora umukurambere abishoboye nimba ahari, akaza yiyongera ku mucungezi w’ishure, kugira abe umuhanuzi w’inyongera. Nimba mw’ishengero hari abakurambere benshi, ico gihe abakurambere babishoboye barashobora kuza barakurakuranwa muri iryo banga uko umwaka utashe. Umuhanuzi w’inyongera azoba ajejwe gutanga impanuro mu mwiherero igihe bikenewe, akaziha abavukanyi bashikiriza ikiganiro No. 1 be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya. Si ngombwa ngo yame atanga impanuro inyuma y’imwimwe yose muri izo nsiguro zishikirizwa n’abakurambere bagenziwe canke zishikirizwa n’abakozi b’ishengero.
ISUBIRAMWO RYO MW’ISHURE RY’UBUSUKU BWA GITEWOKARASI: Iminuta 30. Uko amezi abiri ahaciye, umucungezi w’ishure azoza arayobora isubiramwo. Imbere y’iryo subiramwo, hazorimburwa kamere y’ivy’ukuvuga be n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya, bikazogirwa nk’uko vyerekanywe aho haruguru. Iryo subiramwo rizoba rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mw’ishure mu mezi abiri aheruka, dushizemwo n’iyo ndwi iberamwo iryo subiramwo. Mu gihe ishengero ryanyu ryoba rifise iteraniro ry’umuzunguruko mu ndwi iberamwo Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, ico gihe iryo subiramwo (hamwe n’igice ca porogarama gisigaye co mu rutonde rwo muri iyo ndwi) rikwiye kwungururizwa ku ndwi ikurikira, hanyuma porogarama yobaye mu ndwi ikurikira ikagirwa mu ndwi iberamwo nya teraniro ry’umuzunguruko. Mu gihe ishengero ryanyu rizoba ryagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko mu ndwi iberamwo isubiramwo, muri ico gihe ururirimbo, insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya bikwiye gushikirizwa nk’uko biri ku rutonde. Insiguro ncishabwenge (imwe ishikirizwa inyuma y’insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga) ikwiye kuba iyo ku rutonde rwo mu ndwi ikurikira. Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu ndwi ikurikira rizoba rigizwe n’insiguro ya kamere y’ivy’ukuvuga hamwe n’ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya nk’uko biri ku rutonde, hace hakurikira isubiramwo.
URUTONDE
7 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 1-6 Ururirimbo rwa 62
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nutange insobanuro zikenewe (be rup. 228 ing. 2-3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Matayo (bsi08-1 rup. 3-4 ing. 1-10)
No. 2: Matayo 5:1-20
No. 3: Yezu yoba yapfiriye ku musaraba? (td 39A)
No. 4: Uburyo butandukanye dufashwamwo n’impwemu nyeranda y’Imana
14 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 7-11 Ururirimbo rwa 224
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene umutima ujamwo (be rup. 228 ing. 4–6)
No. 1: Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana (be rup. 9 ing. 1-5)
No. 2: Matayo 10:1-23
No. 3: Igituma kuba imvugakuri ari ngirakamaro
No. 4: Abakirisu boba bakwiye gusenga umusaraba? (td 39B)
21 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 12-15 Ururirimbo rwa 133
Kamere y’ivy’ukuvuga: Insiguro iri n’ico yigisha abakwumviriza (be rup. 230 ing. 1-6)
No. 1: Soma Bibiliya ku musi ku musi (be rup. 10 ing. 1–rup. 12 ing. 3)
No. 2: Matayo 14:1-22
No. 3: Abakirisu bose bategerezwa kuba abasuku (td 40A)
No. 4: Antikristu ni nde?
28 Nzero Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 16-21 Ururirimbo rwa 176
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutuma insiguro iba iyigisha biciye ku bushakashatsi (be rup. 231 ing. 1-3)
No. 1: “Mwiyubare uburyo mwumva” (be rup. 13 ing. 1–rup. 14 ing. 4)
No. 2: Matayo 17:1-20
No. 3: Ibisabwa kugira umuntu arangure ubusuku (td 40B)
No. 4: Ibintu abakirisu babona ko ari vyeranda
4 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 22-25 Ururirimbo rwa 151
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusigura ivyanditswe (be rup. 231 ing. 4-5)
No. 1: Kwumviriza ku makoraniro no ku materaniro (be rup. 15 ing. 1–rup. 16 ing. 5)
No. 2: Matayo 23:1-24
No. 3: Ubuzima budahera ntibuzorambira
No. 4: Inkwezi y’urupfu ni iyihe? (td 41A)
11 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Matayo 26-28 Ururirimbo rwa 110
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutanga insobanuro y’amajambo (be rup. 232 ing. 1)
No. 1: Igitabu ca Matayo—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 5 ing. 29-33)
No. 2: Matayo 27:1-22
No. 3: Igituma ukwizera atari ukwemera gusa
No. 4: Abapfuye boba boshobora kukugirira nabi? (td 41B)
18 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Mariko 1-4 Ururirimbo rwa 167
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuzirikana n’abantu ku vyanditswe (be rup. 232 ing. 2-4)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Mariko (bsi08-1 rup. 6-7 ing. 1-11)
No. 2: Mariko 2:1-17
No. 3: Abantu boba bashobora kuvugana n’incuti zabo zapfuye? (td 41C)
No. 4: Ukuntu urukundo rukomeza umutima rugabo
25 Ruhuh. Igisomwa ca Bibiliya: Mariko 5-8 Ururirimbo rwa 72
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gucagura amakuru ari n’ico yungura abakwumviriza (be rup. 233 ing. 1-5)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
3 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Mariko 9-12 Ururirimbo rwa 195
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha amayagwa yatanzwe (be rup. 234 ing. 1–rup. 235 ing. 3)
No. 1: Urashobora kuryohora ukwibuka kwawe (be rup. 17 ing. 1–rup. 19 ing. 1)
No. 2: Mariko 11:1-18
No. 3: Igituma Imana idashobora kubesha
No. 4: Urusengero rwa gikirisu ni iki? (td 42A)
10 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Mariko 13-16 Ururirimbo rwa 87
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo mu buryo kirumara (be rup. 236 ing. 1-5)
No. 1: Igitabu ca Mariko—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 7-8 ing. 31-33)
No. 2: Mariko 14:1-21
No. 3: Petero yoba ari we “gitandara”? (td 42B)
No. 4: Igituma “uburake bw’umuntu budashitsa ubugororotsi bw’Imana” (Yak. 1:20)
17 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 1-3 Ururirimbo rwa 13
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo winjize ivyiyumviro bihambaye (be rup. 237 ing. 1-2)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Luka (bsi08-1 rup. 8-10 ing. 1-9)
No. 2: Luka 1:1-23
No. 3: Igituma “ukwizera kutagira ibikorwa ata co gukora” (Yak. 2:20)
No. 4: Abakirisu barakwiye gukoresha izina ry’Imana ry’uruharo (td 43A)
24 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 4-6 Ururirimbo rwa 156
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo uzirikane n’abantu ku kiganiro kanaka (be rup. 237 ing. 3–rup. 238 ing. 2)
No. 1: Uruhara rw’impwemu y’Imana mu kudufasha kwibuka (be rup. 19 ing. 2–rup. 20 ing. 3)
No. 2: Luka 4:1-21
No. 3: Ukuri ku vyerekeye ukubaho kw’Imana (td 43B)
No. 4: Ugutinya Imana kuraturinda gukora icaha
31 Ntwar. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 7-9 Ururirimbo rwa 122
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo uvome inyiyumvo ziri mu mutima (be rup. 238 ing. 3-5)
No. 1: Ni kubera iki wokwijukira gusoma? (be rup. 21 ing. 1–rup. 23 ing. 3)
No. 2: Luka 7:1-17
No. 3: Ikimenyamenya c’uko Imana idukunda kandi yipfuza ko tugira agahimbare
No. 4: Kumenya kamere z’Imana (td 43C)
7 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 10-12 Ururirimbo rwa 68
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo wongereze ugushimika (be rup. 239 ing. 1-2)
No. 1: Ingene wokwijukira gusoma (be rup. 23 ing. 4–rup. 26 ing. 5)
No. 2: Luka 11:37-54
No. 3: Abantu bose ntibakorera Imana imwe (td 43D)
No. 4: Amajambo ari mu Vyahishuwe 17:17 dukwiye kuyatahura gute?
14 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 13-17 Ururirimbo rwa 86
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibibazo kugira ngo ushire ahabona ivyiyumviro bitari vyo (be rup. 239 ing. 3-5)
No. 1: Uburyo bwo kwiga (be rup. 27 ing. 1–rup. 31 ing. 2)
No. 2: Luka 16:1-15
No. 3: Ico icagezwe c’Imana kijanye no guhumba kitwigisha (Lew. 19:9, 10)
No. 4: Yezu ni Umwana w’Imana akaba n’Umwami yagenywe (td 44A)
21 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 18-21 Ururirimbo rwa 182
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingereranyo be n’imvugo mberanya vyigisha (be rup. 240 ing. 1–rup. 241 ing. 1)
No. 1: Igitabu ca Luka—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 10-11 ing. 30-35)
No. 2: Luka 18:1-17
No. 3: Igituma kwemera Yezu bihambaye kugira umuntu aronke ubukiriro (td 44B)
No. 4: Ico bisobanura ‘kuguma ata myidodombo’ (Flp. 2:14)
28 Ndam. Igisomwa ca Bibiliya: Luka 22-24 Ururirimbo rwa 218
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nukoreshe uburorero (be rup. 241 ing. 2-4)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
5 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 1-4 Ururirimbo rwa 31
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uturorero two mu Vyanditswe (be rup. 242 ing. 1-2)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Yohani (bsi08-1 rup. 11-13 ing. 1-9)
No. 2: Yohani 3:1-21
No. 3: Ico twigira ku kuba Dawidi yararetse kwica Umwami Sauli
No. 4: Kwizera Yezu vyoba ari vyo gusa bisabwa kugira ngo umuntu akizwe? (td 44C)
12 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 5-7 Ururirimbo rwa 150
Kamere y’ivy’ukuvuga: Coba kizotahurika? (be rup. 242 ing. 3–rup. 243 ing. 1)
No. 1: Ukwiga biraza impera (be rup. 31 ing. 3–rup. 32 ing. 3)
No. 2: Yohani 6:1-21
No. 3: Ico inkuru ya Ananiya na Safira itwigisha
No. 4: Woba woshobora kumenya abahanuzi b’ibinyoma? (td 1A)
19 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 8-11 Ururirimbo rwa 102
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibigereranirizo bifatiwe ku bintu bimenyerewe (be rup. 244 ing. 1-2)
No. 1: Uburyo bwo kugira ubushakashatsi ukoresheje Bibiliya (be rup. 33 ing. 1–rup. 35 ing. 2)
No. 2: Yohani 11:38-57
No. 3: Uguterwa amaraso kurahumanya ubweranda bwayo (td 2A)
No. 4: Ko bitashoboka yuko umuntu ahanwa yarenze rya bwirizwa ry’icumi, ni kubera iki ryari ryaratanzwe?
26 Rus. Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 12-16 Ururirimbo rwa 3
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ibigereranyo biberanye n’abakwumviriza (be rup. 244 ing. 3–rup. 245 ing. 4)
No. 1: Kwiga gukoresha ibindi bikoresho vy’ubushakashatsi (be rup. 35 ing. 3–rup. 38 ing. 5)
No. 2: Yohani 12:1-19
No. 3: Ubuzima bw’umuntu bwoba butegerezwa kurokoka vyanka vyakunda? (td 2B)
No. 4: Ukuntu dukorera Yehova umutwaro wacu (Zab. 55:22)
2 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Yohani 17-21 Ururirimbo rwa 198
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha neza ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 247 ing. 1-2)
No. 1: Igitabu ca Yohani—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 13-14 ing. 30-35)
No. 2: Yohani 21:1-14
No. 3: Ni kubera iki twokwizigira Imana tudashobora kubona?
No. 4: Bibiliya ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe (td 3A)
9 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 1-4 Ururirimbo rwa 92
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingene Yezu yakoresha ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 247 ing. 3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Ibikorwa (bsi08-1 rup. 14-15 ing. 1-8)
No. 2: Ibikorwa 1:1-14
No. 3: Bibiliya ni inyobozo ngirakimazi mu gihe cacu (td 3B)
No. 4: Kugira ‘umwidegemvyo wo kuvuga’ bisobanura iki? (Heb. 3:6)
16 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 5-7 Ururirimbo rwa 2
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uburyo bwo gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona (be rup. 248 ing. 1-3)
No. 1: Kugira urucacagu (be rup. 39-42)
No. 2: Ibikorwa 5:1-16
No. 3: Bibiliya ni igitabu candikiwe abantu bose (td 3C)
No. 4: Ni kubera iki gutinya Yehova ari ryo tanguriro ry’ubukerebutsi? (Zab. 111:10, NW)
23 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 8-10 Ururirimbo rwa 116
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha amakarata, udukaratasi twa porogarama y’amateraniro be n’amakaseti ya videwo (be rup. 248 ing. 4–rup. 249 ing. 2)
No. 1: Gutegura ibigabu umunyeshure ahabwa mw’ishure (be rup. 43 ing. 1–rup. 44 ing. 3)
No. 2: Ibikorwa 8:1-17
No. 3: Ingene Yezu “azokiza umukene” (Zab. 72:12)
No. 4: Abakirisu b’ukuri bose bategerezwa gushingira intahe ukuri (td 4A)
30 Ruh. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 11-14 Ururirimbo rwa 79
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukoresha ibintu umuntu ashobora kubona ku migwi minini y’abantu (be rup. 249 ing. 3–rup. 250 ing. 1)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
7 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 15-17 Ururirimbo rwa 203
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igituma uburyo ukoresha mu gufasha abantu kuzirikana buhambaye (be rup. 251 ing. 1-3)
No. 1: Gukorera ku mutwe w’ikiganiro be no ku kiringo gifatirwako (be rup. 44 ing. 4–rup. 46 ing. 2)
No. 2: Ibikorwa 16:1-15
No. 3: Imvo zituma dusukurira Yehova tudatinya
No. 4: Igituma tuguma tugendera abantu (td 4B)
14 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 18-21 Ururirimbo rwa 32
Kamere y’ivy’ukuvuga: Aho twohera (be rup. 251 ing. 4–rup. 252 ing. 3)
No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa ishengero (be rup. 47 ing. 1–rup. 49 ing. 1)
No. 2: Ibikorwa 20:1-16
No. 3: Gushinga intahe bituma tutagirwa n’amaraso (td 4C)
No. 4: Ni igiki dushobora kwigira kw’itegeko dusanga muri Kuvayo 23:19b?
21 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 22-25 Ururirimbo rwa 200
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igihe co kwiyorosha (be rup. 252 ing. 4–rup. 253 ing. 2)
No. 1: Gutegura ibiganiro vyo mw’Ikoraniro ry’umurimo be n’izindi nsiguro (be rup. 49 ing. 2–rup. 51 ing. 1)
No. 2: Ibikorwa 22:1-16
No. 3: Ni mu buryo butandukanye ubuhe Ivyabona vya Yehova bashitsa amajambo ari muri Yohani 13:34, 35?
No. 4: Haru-Magedoni ni intambara yo gukuraho ubukozi bw’ikibi (td 5A)
28 Muk. Igisomwa ca Bibiliya: Ibikorwa 26-28 Ururirimbo rwa 29
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kubaza ibibazo no gutanga imvo (be rup. 253 ing. 3–rup. 254 ing. 2)
No. 1: Igitabu c’Ibikorwa—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 15-17 ing. 32-40)
No. 2: Ibikorwa 26:1-18
No. 3: Igituma Haru-magedoni ari ikintu kiranga urukundo rw’Imana (td 5B)
No. 4: Igituma Yehova yihangana
4 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 1-4 Ururirimbo rwa 170
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ivyiyumviro bijijura bishingiye cane kw’Ijambo ry’Imana (be rup. 255 ing. 1–rup. 256 ing. 2)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Abaroma (bsi08-1 rup. 17-18 ing. 1-7)
No. 2: Abaroma 3:1-20
No. 3: Ingene abamarayika bakingira abasavyi b’Imana bakongera bakabakomeza
No. 4: Ibatisimu ni igisabwa ku mukirisu (td 6A)
11 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 5-8 Ururirimbo rwa 207
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nushigikire ivyiyumviro ukoresheje ibindi bimenyamenya (be rup. 256 ing. 3-5)
No. 1: Gutegura insiguro zishikirizwa icese (be rup. 52 ing. 1–rup. 54 ing. 1)
No. 2: Abaroma 6:1-20
No. 3: Ibatisimu ntiyoza ibicumuro (td 6B)
No. 4: Ingene ubugororotsi bushobora kudukingira
18 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 9-12 Ururirimbo rwa 152
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gushikiriza ibimenyamenya bihagije (be rup. 257 ing. 1-4)
No. 1: Igitabu c’Abaroma—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 18-19 ing. 20-25)
No. 2: Abaroma 9:1-18
No. 3: Ni akaga akahe kari mu gusakuza no mu gukwiragiza ibihuha?
No. 4: Ugukoresha ibishushanyo birasiga iceyi Imana (td 7A)
25 Myand. Igisomwa ca Bibiliya: Abaroma 13-16 Ururirimbo rwa 16
Kamere y’ivy’ukuvuga: Akigoro ko gushikira umutima (be rup. 258 ing. 1-5)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
1 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abakorinto 1-9 Ururirimbo rwa 199
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvoma ikiri mu mutima w’umuntu (be rup. 259 ing. 1-3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca 1 Abakorinto (bsi08-1 rup. 20-21 ing. 1-7)
No. 2: 1 Abakorinto 4:1-17
No. 3: Inkurikizi z’ugusenga ibishushanyo (td 7B)
No. 4: Kugira amatungo y’ivy’umubiri coba ari ikimenyamenya c’uko Imana yahezagiye umuntu?
8 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abakorinto 10-16 Ururirimbo rwa 35
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kuvyurira abantu inyiyumvo ngirakamaro (be rup. 259 ing. 4–rup. 260 ing. 1)
No. 1: Igitabu ca 1 Abakorinto—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 21-22 ing. 23-26)
No. 2: 1 Abakorinto 13:1–14:6
No. 3: Igituma abakora rya jambo bahimbawe
No. 4: Yehova we musa ni we akwiye gusengwa (td 7C)
15 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abakorinto 1-7 Ururirimbo rwa 58
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gufasha abandi gutsimbataza ugutinya Imana (be rup. 260 ing. 2-3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca 2 Abakorinto (bsi08-1 rup. 22 ing. 1-4)
No. 2: 2 Abakorinto 1:1-14
No. 3: Ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye n’Icibutso (td 8A)
No. 4: Igituma abakirisu b’ukuri banezerwa igihe bahamwa
22 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: 2 Abakorinto 8-13 Ururirimbo rwa 12
Kamere y’ivy’ukuvuga: Ingendo yacu iri n’ico ivuze ku Mana (be rup. 260 ing. 4–5)
No. 1: Igitabu ca 2 Abakorinto—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 22-23 ing. 18-20)
No. 2: 2 Abakorinto 9:1-15
No. 3: Igituma abakirisu b’ukuri atari ab’isi
No. 4: Imisa ntijanye n’Ivyanditswe (td 8B)
29 Nyak. Igisomwa ca Bibiliya: Abagalatiya 1-6 Ururirimbo rwa 163
Kamere y’ivy’ukuvuga: Nufashe abandi kwisuzuma (be rup. 261 ing. 1-3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Abagalatiya be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 24-25 ing. 1-6, 14-18)
No. 2: Abagalatiya 1:1-17
No. 3: Uburyo bwo kumenya idini rimwe ry’ukuri (td 9A)
No. 4: Ingene urukundo rudufasha gutsinda ugutinya abantu
6 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Abanyefeso 1-6 Ururirimbo rwa 99
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gutsimbataza ukugamburuka kuvuye ku mutima (be rup. 261 ing. 4-rup. 262 ing. 3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Abanyefeso be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 26-28 ing. 1-8, 16-19)
No. 2: Abanyefeso 3:1-19
No. 3: Gusaba imbabazi si ikimenyetso c’ubugoyagoye
No. 4: Vyoba ari bibi kwiyamiriza inyigisho z’ikinyoma? (td 9B)
13 Git. Igisomwa ca Bibiliya: Abafilipi 1—Abakolosayi 4 Ururirimbo rwa 123
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gukorana na Yehova mu gushikira imitima y’abantu (be rup. 262 ing. 4)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Abafilipi be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 28-29 ing. 1-7, 12-14)
No. 2: Abafilipi 3:1-16
No. 3: Igihe Imana yemera ko umuntu ahindura idini (td 9C)
No. 4: a Igitabu c’Abakolosayi—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-1 rup. 30-31 ing. 12-14)
20 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Abanyatesalonika 1—2 Abanyatesalonika 3 Ururirimbo rwa 161
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwubahiriza neza umwanya (be rup. 263 ing. 1–rup. 264 ing. 4)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca 1 Abanyatesalonika n’ica 2 Abanyatesalonika be n’igituma ivyo bitabu ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 3-4 ing. 1-5, 13-15; rup. 5-6 ing. 1-4, 10-11)
No. 2: 1 Abanyatesalonika 1:1–2:8
No. 3: Imana yoba ibona “ivyiza [bisa n’ibiri] mu madini yose”? (td 9D)
No. 4: * Igitabu ca 1 Timoteyo n’ica 2 Timoteyo—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 7-8 ing. 15-19; rup. 9 ing. 10-12)
27 Git. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Timoteyo 1—2 Timoteyo 4 Ururirimbo rwa 69
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza mu buryo bushika ku nyota (be rup. 265 ing. 1-3)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
3 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Tito 1—Filemoni Ururirimbo rwa 149
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza ku bw’urukundo (be rup. 266 ing. 1-4)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Tito be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 10-11 ing. 1-4, 8-10)
No. 2: Tito 1:1-16
No. 3: Igicumuro ico ari co (td 10A)
No. 4: * Igitabu ca Filemoni—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 12-13 ing. 7-10)
10 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Abaheburayo 1-8 Ururirimbo rwa 144
Kamere y’ivy’ukuvuga: Uguhimiriza gushinze imizi mu Vyanditswe (be rup. 266 ing. 5-rup. 267 ing. 1)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Abaheburayo (bsi08-2 rup. 13-15 ing. 1-9)
No. 2: Abaheburayo 3:1-19
No. 3: Igituma abantu bose bacumukura kubera igicumuro ca Adamu (td 10B)
No. 4: Itandukaniro riri hagati y’ukwicisha bugufi nyakuri n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo
17 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Abaheburayo 9-13 Ururirimbo rwa 28
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kugira umwidegemvyo wo kuvuga (be rup. 267 ing. 2-3)
No. 1: Igitabu c’Abaheburayo—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 15-16 ing. 23-27)
No. 2: Abaheburayo 10:1-17
No. 3: Icamwa cari kibujijwe cari ikihe? (td 10C)
No. 4: Ingene uguharirana gutuma haba amahoro
24 Muny. Igisomwa ca Bibiliya: Yakobo 1-5 Ururirimbo rwa 88
Kamere y’ivy’ukuvuga: Igituma bihambaye ko tuba abaremesha (be rup. 268 ing. 1-3)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca Yakobo be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 16-18 ing. 1-7, 15-17)
No. 2: Yakobo 1:1-21
No. 3: Gucumura ku mpwemu nyeranda bisobanura iki? (td 10D)
No. 4: Ingene ‘imbabazi zihaya ku rubanza zigina intsinzi’ (Yak. 2:13)
1 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Petero 1—2 Petero 3 Ururirimbo rwa 18
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwibutsa ivyo Yehova yakoze (be rup. 268 ing. 4–rup. 269 ing. 2)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca 1 Petero be n’igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 19-20 ing. 1-5, 11-13)
No. 2: 1 Petero 2:1-17
No. 3: Ibihe vy’abanyamahanga vyaheze ryari? (td 11A)
No. 4: b Igitabu ca 2 Petero—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 21-22 ing. 8-10)
8 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: 1 Yohani 1—Yuda Ururirimbo rwa 50
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwerekana ingene Yehova yafashije abasavyi biwe (be rup. 269 ing. 3-5)
No. 1: Intangamarara y’igitabu ca 1 Yohani, ica 2 Yohani, n’ica 3 Yohani be n’igituma ivyo bitabu ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 22-24 ing. 1-5, 11-13; rup. 24-25 ing. 1-3, 5; rup. 26 ing. 1-3, 5)
No. 2: 1 Yohani 4:1-16
No. 3: Ni bande baja mw’ijuru? (td 12A)
No. 4: c Igitabu ca Yuda—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 27-28 ing. 8-10)
15 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Ivyahishuwe 1-6 Ururirimbo rwa 219
Kamere y’ivy’ukuvuga: Kwerekana ko uhimbarwa n’ivyo Imana iriko irakora ubu (be rup. 269 ing. 6–rup. 271 ing. 1)
No. 1: Intangamarara y’igitabu c’Ivyahishuwe (bsi08-2 rup. 28-30 ing. 1-6)
No. 2: Ivyahishuwe 3:1-13
No. 3: Ukuntu abakirisu babona ivy’uguhimbaza imisi mikuru (td 13A)
No. 4: Igituma ukwihangana n’imbabazi biri n’aho bigarukira
22 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Ivyahishuwe 7-14 Ururirimbo rwa 21
Kamere y’ivy’ukuvuga: Niwungukire bimwe bishitse kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi (be rup. 5 ing. 1–rup. 8 ing. 1)
No. 1: Igitabu c’Ivyahishuwe—Igituma ari ngirakamaro (bsi08-2 rup. 30-31 ing. 28-34)
No. 2: Ivyahishuwe 8:1-13
No. 3: Ico imvugo “umuhero w’isi” isobanura (td 14A)
No. 4: Imvugo ngo “Imana iruta imitima yacu” isobanura iki? (1 Yoh. 3:20)
29 Kig. Igisomwa ca Bibiliya: Ivyahishuwe 15-22 Ururirimbo rwa 60
Kamere y’ivy’ukuvuga: Gusoma ata mahinyu (be rup. 83 ing. 1-rup. 84 ing. 1)
Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
[Footnotes]
a Gishingwe abavukanyi gusa, bishobotse abakurambere canke abakozi b’ishengero.
b Gishingwe abavukanyi gusa, bishobotse abakurambere canke abakozi b’ishengero.
c Gishingwe abavukanyi gusa, bishobotse abakurambere canke abakozi b’ishengero.